Akamari koba ari igicumuro?
Inyishu Bibiliya itanga
Naho Bibiliya itavuga cane ivy’akamari, impanuro ziri muri yo ziradufasha gutahura yuko Imana ibona ko akamari ari igicumuro.—Abanyefeso 5:17. a
Akamari kava ku mwina canke umunoho w’amahera, na wo ukaba ari ikintu Imana yanka. (1 Abakorinto 6:9, 10; Abanyefeso 5:3, 5) Abagakina baba bipfuza gutsindira amahera abandi bahomvye, kandi tuzi ko Bibiliya itubuza kwipfuza ivy’abandi.—Kuvayo 20:17; Abaroma 7:7; 13:9, 10.
Gukina akamari, naho kwoba ari ugukinira amahera make, birashobora gutuma umuntu akunda amahera bikamugirira nabi.—1 Timoteyo 6:9, 10.
Kenshi abakina akamari usanga bizigira ibintazi canke umugisha w’igihamana. Kwizigira ivyo bintu, Imana ibona ko ari nk’ugusenga ibigirwamana, na vyo ikaba itavyerekwa.—Yesaya 65:11.
Bibiliya ituremesha gukora cane aho kwipfuza kurya ivyo tutabiriye akuya. (Umusiguzi 2:24; Abanyefeso 4:28) Abakurikiza iyo mpanuro, “[ba]rya ibifungurwa bo ubwabo bakoreye.”—2 Abatesalonika 3:10, 12.
Akamari karashobora kuvyura agatima kabi ko guhiganwa kiyamirizwa mw’Ijambo ry’Imana.—Abagalatiya 5:26.
a Ahantu hamwe gusa Bibiliya ivuga ivy’akamari idomako, ni muri ya nkuru y’abasoda b’Abaroma bapfindiye impuzu ya Yezu mu ‘gukina akamari.’—Matayo 27:35; Yohani 19:23, 24; Contemporary English Version; Good News Translation.