Ja ku birimwo

Imana yoba iba ahantu hanaka?

Imana yoba iba ahantu hanaka?

Inyishu Bibiliya itanga

 Egome. Imana iba ahantu hanaka, hakaba ari mw’ijuru. Raba iyi mirongo yo muri Bibiliya:

 Umwami Salomo yavuze mw’isengesho ati: “Uz’uvyumve uri mw ijuru ah’uba.”—1 Abami 8:43, Bibiliya Yera.

 Yezu Kristu yigishije abigishwa biwe gutura amasengesho yabo ‘Se wabo ari mw’ijuru.’—Matayo 6:9.

 Yezu amaze kuzuka, yinjiye “mw’ijuru ubwaho, kugira ngo ubu aduserukire imbere y’Imana.”—Abaheburayo 9:24.

 Iyo mirongo irerekana neza yuko Yehova Imana abaho koko be n’uko ataba hose, ahubwo ko aba mw’ijuru gusa.