Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Abakirisu boba babwirizwa kwubahiriza Isabato?

Abakirisu boba babwirizwa kwubahiriza Isabato?

Inyishu Bibiliya itanga

Abakirisu ntibasabwa kwubahiriza Isabato ya buri ndwi. Abakirisu bagengwa n’“itegeko rya Kristu,” muri ryo akaba ata vyo kwubahiriza Isabato birimwo. (Abagalatiya 6:2; Abakolosayi 2:16, 17) Ivyo tuvyemezwa n’iki? Ubwa mbere, raba iyo Isabato yakomotse.

Isabato ni iki?

Ijambo “Isabato” rivuye mw’ijambo ry’igiheburayo risobanura ngo “kuruhuka; kureka.” Rikoreshwa ari bwo bwa mbere muri Bibiliya mu mabwirizwa yahawe ihanga rya Isirayeli ya kera. (Kuvayo 16:23) Nk’akarorero, ibwirizwa rya kane muri ya Mabwirizwa cumi, rivuga riti: “Mu kwibuka umusi w’isabato ngo uwufate ko ari mweranda, uzokora akazi kandi urangure igikorwa cawe cose mu misi itandatu. Mugabo umusi ugira indwi ni isabato kuri Yehova Imana yawe. Ntuze ukore igikorwa na kimwe.” (Kuvayo 20:8-10) Isabato yatangura ku wa gatanu izuba rirenze ikarangira ku wa gatandatu izuba rirenze. Muri ico kiringo, Abisirayeli ntibava mu karere k’iwabo, ntibacana, ntibasenya, canke ngo bikorere. (Kuvayo 16:29; 35:3; Guharūra 15:32-36; Yeremiya 17:21) Umuntu atubahirije Isabato yaba akoze igicumuro gikomeye.—Kuvayo 31:15.

Hariho iyindi misi yari Isabato ku Bayuda, nk’akarorero umwaka ugira 7 n’umwaka ugira 50. Muri iyo myaka y’Isabato, ntibarima kandi nta Mwisirayeli yasabwa kwishura ideni vyanka bikunze.—Abalewi 16:29-31; 23:6, 7, 32; 25:4, 11-14; Gusubira mu vyagezwe 15:1-3.

Incungu ya Yezu yatumye itegeko ry’Isabato ritituka

Ni kubera iki itegeko ry’Isabato ritaraba Abakirisu?

Itegeko ry’Isabato ryaraba gusa abantu babwirizwa kwubahiriza amategeko yose yari yatanzwe biciye kuri Musa. (Gusubira mu vyagezwe 5:2, 3; Ezekiyeli 20:10-12) Imana ntiyigeze isaba abandi bantu ngo bubahirize Isabato. Vyongeye, mbere n’Abayuda ‘barabohowe Itegeko’ rya Musa, harimwo na ya Mabwirizwa cumi, biciye ku ncungu ya Yezu Kristu. (Abaroma 7:6, 7; 10:4; Abagalatiya 3:24, 25; Abanyefeso 2:15) Aho kwisunga Itegeko rya Musa, abakirisu bisunga rya tegeko rihambaye ry’urukundo.—Abaroma 13:9, 10; Abaheburayo 8:13.

Ivyiyumviro bitari vyo ku bijanye n’Isabato

Iciyumviro kitari co: Imana yatanguje Isabato igihe yaruhuka ku musi ugira indwi.

Ukuri: Bibiliya ivuga iti: “Nukw Imana ihezagira uwo musi w’indwi, iraweza: kukw ari wo Imana yaruhukiyekw ibikorwa vyayo vyose, ivyo yaremye kandi yakoze.” (Itanguriro 2:3, Bibiliya Yera) Muri ico canditswe, nta tegeko ryahawe abantu ririmwo, ahubwo kivuga ivyo Imana yakoze ku musi w’irema ugira indwi. Muri Bibiliya nta muntu n’umwe avugwa ko yubahirije Isabato imbere y’igihe ca Musa.

Iciyumviro kitari co: Abisirayeli baragengwa n’itegeko ry’Isabato imbere y’uko bahabwa ya mategeko baronka biciye kuri Musa.

Ukuri: Musa yabwiye Abisirayeli ati: “Yehova Imana yacu yagiranye natwe isezerano i Horebu,” akarere kari gakikuje Umusozi Sinayi. Muri iryo sezerano harimwo itegeko ryo kwubahiriza Isabato. (Gusubira mu vyagezwe 5:2, 12) Ivyabaye ku Bisirayeli ku bijanye n’Isabato birerekana ko iryo tegeko ryari rishasha kuri bo. Iyo Abisirayeli baza kuba bagengwa n’itegeko ry’Isabato n’igihe bari mu Misiri, ni gute Isabato yari kubibutsa ukuntu barokowe bagakurwa mu Misiri, nk’uko Imana yabivuze? (Gusubira mu vyagezwe 5:15) Ni kubera iki babujijwe gutora manu ku musi ugira indwi? (Kuvayo 16:25-30) Kandi kubera iki batashoboye kumenya ingene bogenza umuntu wa mbere yarenze kw’itegeko ry’Isabato?— Guharūra 15:32-36.

Iciyumviro kitari co: Isabato ni isezerano ry’intahava, rero iracasabwa.

Ukuri: Bibiliya zimwezimwe zivuga ko Isabato ari “isezerano ry’intahava.” (Kuvayo 31:16, Bibiliya Yera) Ariko ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo “intahava” rirashobora kandi gusobanura “gushika igihe kinaka kitazwi,” ntiryama risobanura ibihe bidahera. Nk’akarorero, Bibiliya irakoresha iryo jambo nyene mu kuvuga ibijanye n’ubuherezi mu gihe ca Isirayeli, ubu hakaba haheze imyaka nka 2.000 Imana ibuhagaritse.—Kuvayo 40:15; Abaheburayo 7:11, 12.

Iciyumviro kitari co: Abakirisu babwirizwa guhimbaza Isabato kubera ko na Yezu yayihimbaza.

Ukuri: Yezu yarahimbaza Isabato kuko yari Umuyuda; yabwirizwa kwubahiriza Itegeko rya Musa. (Abagalatiya 4:4) Inyuma y’urupfu rwa Yezu, iryo sezerano ry’Itegeko, iryari ririmwo n’Isabato, ryarakuweho.—Abakolosayi 2:13, 14.

Iciyumviro kitari co: Intumwa Paulo yarahimbaje Isabato kandi yari umukirisu.

Ukuri: Paulo yaraja mu masinagogi kw’Isabato, ariko ntiyaba agiye kwifatanya n’Abayuda kuyihimbaza. (Ivyakozwe 13:14; 17:1-3; 18:4) Ahubwo, yisunze umugenzo wariho ico gihe, yaramamaza inkuru nziza mu masinagogi, kubera ko ico gihe abashitsi bashobora guhabwa ikaze ngo bagire ico bashikirije ababa bakoraniye ng’aho baje gusenga. (Ivyakozwe 13:15, 32) Paulo yamamaza “imisi yose,” ntiyamamaza kw’Isabato gusa.—Ivyakozwe 17:17.

Iciyumviro kitari co: Isabato y’abakirisu iba ku wa mungu.

Ukuri: Muri Bibiliya nta tegeko ririyo risaba abakirisu ko umusi wa mungu bawuhebera kuruhuka no gusenga. Ku bakirisu bo mu ntango, umusi wa mungu waba ari umusi w’ibikorwa nk’iyindi yose. Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (The International Standard Bible Encyclopedia) kivuga giti: “Umusi wa mungu watanguye kwitwa ko ari Isabato mu kinjana ca kane, igihe [umwami w’abami w’umupagani w’Umuroma] Konsitantino yasohora itegeko ry’uko hari ibikorwa bimwebimwe bitokorwa ku musi wa mungu.” *

Bite ho ku vyanditswe bimwebimwe bisa n’ivyerekana ko ku wa mungu wari umusi udasanzwe? Bibiliya ivuga ko intumwa Paulo yasangiye ibifungurwa n’abakirisu bagenziwe “ku musi wa mbere w’iyinga,” ni ukuvuga ku wa mungu, ariko ivyo vyari ibisanzwe, kubera ko Paulo bwaca agenda. (Ivyakozwe 20:7) Mu buryo busa n’ubwo, hari amashengero amwamwe yahimirijwe kubika intererano “buri musi wa mbere w’iyinga,” ni ukuvuga ku wa mungu, ku bw’igikorwa co gutabara, ariko iyo yari gusa impanuro nziza yafasha umuntu kuziganya. Izo ntererano zagumizwa muhira, ntizajanwa mu bibanza vyo gusengeramwo.—1 Abakorinto 16:1, 2.

Iciyumviro kitari co: Ni bibi gutegekanya buri ndwi umusi wo kuruhuka no gusenga.

Ukuri: Bibiliya irareka umukirisu wese akifatira ingingo kuri ivyo.—Abaroma 14:5.

^ ing. 21 Raba kandi New Catholic Encyclopedia, impinduro ya kabiri, imbumbe ya 13, urupapuro rwa 608.

Raba n'ibindi

Twungukira gute ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya?

Yezu yarasiguye igituma dukeneye ubuyobozi be n’ingingo ngenderwako zibiri zo muri Bibiliya zihambaye cane.

Amategeko Imana yahaye Abisirayeli yoba yarimwo ubutungane?

Ingingo zine zafasha abacamanza bo muri Isirayeli guca imanza.

Ivyabona vya Yehova boba ari abakirisu?

Raba ukuntu dutandukanye n’abandi bitwa abakirisu.