Ja ku birimwo

Amavidewo ashingiye kuri Bibiliya: Inyigisho z’ishimikiro

Ivyo vyigwa bigizwe n’utuvidewo tugufi biratanga inyishu z’ibibazo bihambaye vyerekeye Bibiliya. Nyinshi muri izo videwo zica zikurungika ku vyigwa vyo mu gatabu Inkuru nziza iva ku Mana.

Ibiriho vyoba vyararemwe?

Ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’irema abenshi babitahura nabi canke mbere bakabifata nk’igitito. Ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’inkomoko y’ibiriho vyoba vyumvikana?

Imana yoba ifise izina?

Imana irafise amazina menshi y’icubahiro. Amwamwe muri yo ni Mushoboravyose, Umuremyi, hamwe n’Umukama. Ariko izina ry’uruharo ry’Imana rikoreshwa incuro zirenga 7000 muri Bibiliya.

Ushobora gute kuba umugenzi w’Imana?

Haraciye imyaka amajana abantu barondera kumenya Umuremyi wabo. Bibiliya irashobora kudufasha kuba abagenzi b’Imana. Ubwo bugenzi butangurira ku kumenya izina ry’Imana.

Bibiliya ikomoka kuri nde?

Nimba yaranditswe n’abantu, yoba ikwiriye kwitwa Ijambo ry’Imana? Bibiliya irimwo ivyiyumviro vya nde?

Ni ibiki bitwemeza ko Bibiliya ikomoka ku Mana?

Nimba Bibiliya ikomoka ku Mana, itegerezwa kuba ata ho isa isana n’ibindi bitabu vyanditswe.

Kubera iki Imana yaremye isi?

Isi yacu yuzuye ubwiza. Imana yayishize mu kibanza kibereye uravye aho izuba riri, iyihengeka ku rugero rubereye, iyiha no kuzunguruka ku muvuduko ubereye. Kubera iki none Imana yayitondeye ukuraho?

Kubera iki turiho?

Nurabe ivyotuma duhimbarwa mu buzima.

Abapfuye bamerewe gute?

Bibiliya isezerana ko hariho igihe aho abantu benshi bapfuye bazozuka nka kurya kwa Lazaro.

Umuriro udahera woba ubaho koko?

Bibiliya ivuga yuko “Imana ari urukundo,” itokwigera ibabaza abantu ibahora amakosa bakoze muri kahise.

Yezu Kristu yoba ari Imana?

Yezu Kristu yoba ari we Mana Mushoboravyose? Canke ni abantu babiri batandukanye?

Kubera iki Yezu yapfuye?

Bibiliya ivuga ko urupfu rwa Yezu ruhambaye cane. Urupfu rwiwe rwari rufise intumbero iyihe?

Ubwami bw’Imana ni iki?

Mu bikorwa Yezu yaranguye kw’isi, yarigishije cane ibijanye n’Ubwami bw’Imana. Haraciye imyaka amajana abantu basenga basaba ko ubwo Bwami buza.

Ubwami bw’Imana bwatanguye kuganza mu 1914

Haraheze imyaka irenga 2.600 Imana itumye Umwami ahambaye arota indoto y’ubuhanuzi. Ubwo buhanuzi bukaba buriko buraranguka ubu.

Ibintu vyo kw’isi vyarahindutse kuva mu 1914

Kuva mu 1914, ibiba kw’isi hamwe n’ukuntu abantu bigenza birerekana ko ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwerekeye “imisi ya nyuma” buriko buraranguka.

Imana yoba ari yo ituma haba ivyago vy’ivyaduka?

Abantu babiri barokotse hateye ivyago vy’ivyaduka barasigura ivyo bize muri Bibiliya.

Kubera iki Imana ireka tugashikirwa n’ingorane?

Abantu benshi baribaza igituma isi yuzuyemwo urwanko n’ingorane. Bibiliya iratanga inyishu itomoye kandi ihumuriza.

Imana yoba yemera amadini yose?

Abantu benshi bavuga ko idini umuntu arimwo atari ryo rihambaye.

Imana yoba yemera ko tuyisenga dukoresheje ibishushanyo?

Vyoba vyodufasha kwiyegereza Imana kandi tudashobora kuyibona?

Imana yoba yumviriza amasengesho yose?

Imana yoba yemera amasengesho y’ubwikunzi? Bite hoho hamwe umugabo yoba afata nabi umugore wiwe, agaca asaba Imana ngo imuhezagire?