Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

IVYIGWA BISHINGIYE KURI VIDEWO

Amavidewo ashingiye kuri Bibiliya arimwo inyigisho ngirakamaro

Ivyo vyigwa bigizwe n’utuvidewo tugufi biratanga inyishu z’ibibazo bihambaye vyerekeye Bibiliya. Izo videwo zica zikurungika ku vyigwa vyo mu gatabu Inkuru nziza iva ku Mana.

Inkuru nziza iva ku Mana

Iyo nkuru nziza iva ku Mana ni iyihe? Kubera iki twoyemera? Aka gatabu karishura ibibazo bishingiye kuri Bibiliya bikunda kubazwa.

Imana yoba ifise izina?

Imana irafise amazina menshi y’icubahiro. Amwamwe muri yo ni Mushoboravyose, Umuremyi, hamwe n’Umukama. Ariko izina ry’uruharo ry’Imana rikoreshwa incuro zirenga 7000 muri Bibiliya.

Bibiliya ikomoka kuri nde?

Nimba yaranditswe n’abantu, yoba ikwiriye kwitwa Ijambo ry’Imana? Bibiliya irimwo ivyiyumviro vya nde?

Ni ibiki bitwemeza ko Bibiliya ikomoka ku Mana?

Nimba Bibiliya ikomoka ku Mana, itegerezwa kuba ata ho isa isana n’ibindi bitabu vyanditswe.

Kubera iki Yezu yapfuye?

Bibiliya ivuga ko urupfu rwa Yezu ruhambaye cane. Urupfu rwiwe rwari rufise intumbero iyihe?

Kubera iki Imana yaremye isi?

Isi yacu yuzuye ubwiza. Imana yayishize mu kibanza kibereye uravye aho izuba riri, iyihengeka ku rugero rubereye, iyiha no kuzunguruka ku muvuduko ubereye. Kubera iki none Imana yayitondeye ukuraho?

Abapfuye bamerewe gute?

Bibiliya isezerana ko hariho igihe aho abantu benshi bapfuye bazozuka nka kurya kwa Lazaro.

Ubwami bw’Imana ni iki?

Mu bikorwa Yezu yaranguye kw’isi, yarigishije cane ibijanye n’Ubwami bw’Imana. Haraciye imyaka amajana abantu basenga basaba ko ubwo Bwami buza.