Imigenderanire n’abandi
Kurondera abagenzi
Kubaho neza: Ubucuti bwiza mu muryango be n’abagenzi
Ubucuti dufitaniye n’abandi burakomera igihe twitwararika gutanga kuruta guhabwa.
Umugenzi nyakuri ameze gute?
Abantu benshi babona ko kugira abagenzi nyakuri bihambaye. Woshobora gute kubera abandi umugenzi nyakuri? Iki kiganiro kiraca irya n’ino ivyiyumviro bine vyo muri Bibiliya wokwisunga.
Umugenzi nyakuri ameze gute?
Biroroshe ko uronka abagenzi b’indyadya; none woronka gute umugenzi nyakuri?
Kuronka abagenzi beza
Raba ibintu bine vyogufasha kugira ubugenzi nyakuri.
Noba nkwiye kurondera abagenzi bashasha?
Kugira umugwi mutoyi w’abagenzi birashobora kuba vyiza, ariko ntivyama ari ngirakamaro. Kubera iki?
Irungu
Gutsinda irungu: Nurondere abagenzi beza
Abagenzi beza baratuma uhimbarwa kandi baratuma irungu ufise rigabanuka.
Kubera iki ntagira abagenzi?
Si we wenyene wumva irungu canke utagira abagenzi. Raba ingene abandi mungana batsinze izo nyiyumvo.
Nkore iki ko abandi banyinuba?
Igihambaye kwoba ari ukumera nk’abantu bisunga ivyiyumviro bitabereye canke kwigumira uko usanzwe uri?
Ingene wotsinda irungu
Kwama wishwe n’irungu bitera ingorane zingana n’iziterwa n’ukunywa amatabi 15 ku musi. Wokora iki kugira wirinde kwumva ko ata wukwitayeho canke kwumva irungu?
Abantu benshi hirya no hino kw’isi barafise irungu: Ni igiki cobafasha?
Raba ivyanditswe bibiri bishobora kugufasha kubona ingene wovyifatamwo igihe ufise irungu.
Abantu benshi barushiriza kwumva bafise irungu: Bibiliya ibivugako iki?
Nurabe ingene abafise irungu bashobora kugira umunezero.
Nurwanye irungu mu kurondera abagenzi: Ukuntu Bibiliya yogufasha
Nurabe impanuro zibiri zo muri Bibiliya zogufasha gutsinda irungu.
Nurwanye irungu mu gufasha abandi: Ico Bibiliya ibivugako
Gufasha abandi vyotuma irungu ufise rigabanuka. Nurabe ibintu bibiri wokora.
Guhanahana amakuru ku buhinga bwa none
Ingene wogumiza akazi mu mwanya wako
Ivyiyumviro bine vyogufasha kwirinda ko akazi kakwinjirira mu mubano wawe.
Ingene twokwiyemeza ko utwuma two mu buhinga bwa none tutatwaye ikibanza gihambaye mu buzima bwacu
Gukoresha utwuma two mu buhinga bwo none birashobora kugirira akamaro umubano wanyu canke bikawonona. None utwo twuma turiko tugira ingaruka izihe ku mubano wanyu?
Ni ibiki nkwiye kumenya ku bijanye no guhanahana amafoto biciye ku buhinga bwa none?
Gushira amafoto dukunda ku mbuga hwaniro amafoto ni uburyo bworoshe butuma tuguma duhanahana amakuru n’incuti hamwe n’abagenzi, ariko kandi birimwo akaga.
Nukoreshe neza ubuhinga bwa none
Nuryoherwe no guhanahana amakuru n’abagenzi bawe kuri Internet, ariko ntiwijajare.
Ukwiye kumenya iki ku bijanye no kwandika amamesaje?
Kwandika amamesaje birashobora kugira ingaruka ku bugenzi ufitaniye n’abandi be n’izina ryawe. Raba igituma ari ukwo biri.
Ingene wokwerekana urupfasoni mu vy’amamesaje
Mbega vyoba bitaranga urupfasoni uciriyemwo umuntu kugira urabe mesaje? Canke vyoba bitaranga urupfasoni wihojeje mesaje kugira wibandanirize ikiyago?
Gutunganya ingorane
Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ishavu?
Hoba hariho imvo zumvikana zotuma umuntu ashavura? Wokora iki wumvise ko utanguye gushavura?
Icofasha abantu gusubiza hamwe
Ingingo ngenderwako ngirakamaro zo muri Bibiliya zarafashije abahoze ari abansi gusubiza hamwe, basigara mbere ari abagenzi.
Kubabarira abandi bisobanura iki?
Bibiliya iravuga ibintu bitanu vyogufasha guharira abandi.
Ingene mwobabarirana
Kubera iki kubabarira bishobora kuba urugamba? Raba ingene impanuro Bibiliya itanga zishobora gufasha.
Ivyotuma uhimbarwa—Kubabarira abandi
Umuntu w’ishavu n’inzigo ntashobora guhimbarwa, icibagiwe co ni ukugira amagara meza.
Prejudice and Discrimination
Noba ninuba abandi?
Agatima ko kwinubana karandukiye abantu kuva kera. Raba impanuro Bibiliya iduha zogufasha kukirinda.
Ukwinubana—Woba umaze kwandukirwa?
Ni ibimenyetso ibihe vyerekana ko umuntu ashobora kuba yinubana?
Ingene Bibiliya yodufasha kwubahiriza abandi
Ibi vyanditswe birerekana ukuntu Bibiliya ihimiriza abantu kubana mu mahoro no kwubahana.
Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye amacakubiri ashingiye ku moko?
Amoko yose yoba angana? Amacakubiri ashingiye ku moko yoba azoteba agahera?
Ingene wotsinda urwanko—Nube umuntu atagira nkunzi
Nurandurane n’imizi agatima ko kutiyumvamwo abandi mu kwigana Imana mu bijanye no kutagira nkunzi.
Ukwinubana—Niwaguke mu guhitamwo abagenzi
Niwirabire akamaro ko kugira abagenzi mutameze kumwe.
Vyoba bishoboka ko abantu bo mu moko yose bangana? Bibiliya ibivugako iki?
Abantu amamiliyoni bariko bariga muri Bibiliya ukuntu bofatana abandi icubahiro n’iteka.
Urukundo rudahemuka ruzotsinda ryari urwanko?
Gutsinda ivyiyumviro vyo kwinuba abandi si icoroshe. Raba ingene Umuyahudi umwe n’Umwarabu batsinze urwo rugamba.
Naripfuza kurwanya akarenganyo
Rafika yarinjiye mu muhari wari wiyemeje kurwanya ivangura ry’amoko. Ariko yahavuye amenya ko Bibiliya isezerana yuko mu gihe c’ingoma y’Ubwami bw’Imana hazoba hari amahoro n’ubutungane.

