Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Hitamwo ururimi Ikirundi

8 GITUGUTU 2018
IBISHASHA

Ibitabu bishasha hamwe n’imbuga n’amaprograma vyasubiwemwo

Ibitabu bishasha hamwe n’imbuga n’amaprograma vyasubiwemwo

Kw’ikoraniro rya buri mwaka ritunganywa na Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania ryabaye kw’igenekerezo rya 6 Gitugutu 2018, harasohowe ibitabu bibiri bishasha. Kimwe ni igitabu Ugusenga gutyoroye kwarasubijwe umutamana, kikaba gishingiye ku buhanuzi bwa Ezekiyeli. Ikindi ni agatabu Niwijukire gusoma no kwigisha, kakaba kagenewe gufasha Ivyabona vya Yehova kuryohora ubuhanga bwabo bwo gusoma no kwigisha.

Ubu igitabu Ugusenga gutyoroye kiraboneka mu congereza kuri jw.org no kuri JW Library. Agatabu Kwigisha na ko karaboneka mu ndimi zitari nke. Mu nyuma, ico gitabu Ugusenga gutyoroye kizoboneka no mu zindi ndimi.

Vyongeye, kuri iryo koraniro baratangaje ko Inama Nyobozi yemeye ko hagira ibintu bisubirwamwo ku mbuga zacu no ku maprograma dukoresha. Urubuga rwa jw.org ruzotunganywa bushasha rushirwemwo imice iri kuri ya Televiziyo ya JW no kuri ca CEGERANYO C’IBITABU CO KURI INTERNET. N’ikindi kandi, programa ya JW Library izotunganywa bushasha ishirwemwo imice iri muri Watchtower Library hamwe n’ibindi biganiro vyahora biboneka gusa kuri jw.org. Urwo rubuga rushasha n’iyo programa nshasha bizoba bigomba gusa kandi bizoba vyoroshe gukoresha. Nk’akarorero, kugira urwo rubuga n’iyo programa bizokworohe gukoresha, imice nyamukuru izokworoshwa kugira umuntu anyaruke kubona ivyo arondera. Ibikorwa vyo gushira mu ngiro uwo mugambi vyaramaze gutangura. Mu mezi makeyi ari imbere muzotangura kubona bimwebimwe mu vyaryohowe.