Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Ibijanye n’amabanga

Ibijanye n’amabanga

Amakuru akwerekeye

Ishirahamwe Watchtower Bible and Tract Society of New York, Inc., canke ayandi mashirahamwe akorana na ryo, akoresha amakuru akwerekeye washize kuri uyu muhora mu ntumbero gusa uba waramenyeshejwe igihe wariko urayashirako. Ishirahamwe Watchtower Bible and Tract Society of New York, Inc. ntiryigera ritanga amakuru akwerekeye kiretse bikenewe kugira ngo uronke ivyo wasavye kandi rikaba rimaze kubikumenyesha canke naho rikaba ryizeye ko itangwa ry’amakuru nk’ayo rikenewe ku bwo gukurikiza amategeko canke naho kugira ngo ritore ko hari forode yabaye kandi riyikinge, ku bw’imvo z’umutekano canke z’ivy’ubuhinga. Amakuru yerekeye umuntu ayo ari yo yose atanzwe ntazokwigera adandazwa, akwiragizwa canke ngo akoteshwe.

Aderese ya e-mail

Aderese ya e-mail ukoresha uriko urugurura ikonte kuri uyu muhora izokoreshwa mu kuguha amakuru ajanye n’ikonte yawe. Nk’akarorero, wibagiye izina canke akajambo murekarengane ukoresha mu kwinjira mw’ikonte yawe hanyuma ugasaba gufashwa, uzofashwa biciye ku butumwa buzorungikwa kuri iyo aderese ya e-mail uzoba watanze.

Cookies

Ivyitwa cookies bikoreshwa mu kwibuka ivyo uba wahisemwo igihe ukoresha uwu muhora. Ni ho nk’akarorero habikwa ururimi uba wahisemwo ngo uwu muhora uzoze uriyugururamwo igihe cose ugarutse kuwukoresha. Nta makuru akwerekeye abikwa muri cookies.

Script canke JavaScript

Uwu muhora urakoresha ivyitwa Script kugira uryohore ukuntu ukora. Ikoreshwa ry’ubwo buhinga rituma uwukoresha umuhora jw.org aronka ningoga amakuru ariko ararondera. Uyu muhora ntiwigera ukoresha ubwo buhinga mu gushira amaprograme muri orodinateri z’abawukoresha canke mu kuvoma ata ruhusha amakuru y’abawukoresha.

Kugira ngo ibice bimwebimwe vy’uwu muhora bikore neza, ivyitwa Script canke JavaScript bitegerezwa kwemezwa muri programe umuntu akoresha mu kuja kuri internet. Amaprograme menshi akoreshwa mu kuja kuri internet ararekurira umuntu kwemeza canke kutemeza ubwo buhinga ku mihora minaka. Kugira umenye ukuntu wokwemeza ubwo buhinga ku mihora minaka, rondera amakuru atangwa n’iyo programe.

Hamwe twohindura ibijanye n’amabanga, bizomenyeshwa aha nyene kuri uyu muhora kugira mumenye amakuru tubika ayo ari yo n’ukuntu tuyakoresha.