Ja ku birimwo

3 KIGARAMA 2020
AMAKURU YO KW’ISI YOSE

Ukuntu abategetsi bakengurutse isekeza ryo kwamamaza Ubwami ryo mu 2020

Ukuntu abategetsi bakengurutse isekeza ryo kwamamaza Ubwami ryo mu 2020

Muri Munyonyo, Ivyabona vya Yehova bo hirya no hino kw’isi barashikirije integuro ya bose y’Umunara w’Inderetsi No. 2 2020 abadandaza, abo mu muryango n’abantu bakunda kuyaga ivya Bibiliya. Umuce udasanzwe w’iryo sekeza kwari ugushikiriza ico kinyamakuru abategetsi benshi. Ibiro vy’amashami vyararonse amakete yo gukenguruka yanditswe na bamwebamwe muri abo bategetsi.

Muri Sierra Leone, umutegetsi yitwa Rex Bhonapha akora mu biro vy’ubushikiranganji bujejwe ivyo gutunganya agataka, uburaro be n’imigero yaranditse ikete ashimira abavukanyi kuba baramurungikiye ico kinyamakuru. Yongeyeko ati: “Ntabeshe, iki kinyamakuru canyu carandemesheje congera kiranyigisha. Ubu nama ndagisoma buri musi.”

Muri Samoa, Umushikiranganji wa mbere yararungikiye abavukanyi ikete ryo gukenguruka, yongera ababwira ko aha akunda cane ca gisabisho ca Dawe wa twese. N’umukuru w’igihugu Tuimalealiifano Vaaletoa Sualauvi II yaraseruye ko akenguruka igikorwa cacu co kwigisha Bibiliya. Yavuze ko ico gikorwa “kiriko kirafasha abantu, bakiga Bibiliya kugira bashobore guhindura ukuntu babayeho.” N’ikindi kandi, yarakeje abavukanyi kuba barahagaritse kugirira amakoraniro ku Ngoro y’Ubwami no kugendera abantu ku mihana kubera iki kiza ca korona.

Osvaldo Cartagena García, umunyamabanga wa komine imwe yo muri Shili, yanditse ati: “Nizigiye ko iri sekeza ryanyu rizogira ico ryigishije abategetsi bose bo muri kino gihugu cacu, ribahimirize gukorera abanyagihugu ibikorwa vyiza, canecane muri ibi bihe turiko turacamwo mu gihugu cacu no kw’isi yose.”

Umwe mu bagize inama nshingamateka y’Ubudagi (Deutscher Bundestag) yandikiye ibiro vy’ishami ryo mu Buraya bwo hagati biri mu Budagi ati: “Idini ryanyu nsanzwe ndarimenyereye. Ndubaha ukuntu abantu bo mw’idini ryanyu babwira abandi babigiranye umutima rugabo yuko ari Ivyabona vya Yehova. . . . Ndazi kandi ko abantu bo mw’idini ryanyu bahamwe bidasanzwe n’intwaro y’Abanazi.”

Uwundi mutegetsi wo mu bushikiranganji bumwe bwo mu Budagi yarashimiye cane Ivyabona kuba barahumurije abantu muri iki kiringo c’ikiza ca korona. Yavuze ati: “Igihe muhumuriza abantu muba muriko murafasha abanyagihugu bacu kuguma bunze ubumwe.”

Muri Kolombiya hari abategetsi babiri bandikiye ibiro vy’ishami bashima ico kinyamakuru. Bavuze ko bazogiha n’abandi. Umutegetsi umwe wo mu bushikiranganji bw’ibidukikije na we yanditse ati: “Mwarakoze cane kundungikira iki kinyamakuru Umunara w’Inderetsi. Kirimwo ubutumwa burokora ubuzima.”

Frank Okyere, aserukira igihugu ca Gana mu Buyapani, yavuze ati: “Nasanze iki kinyamakuru cigisha cane, kuko cerekana umuti w’ingorane nyinshi abantu bafise.”

Uwundi na we aserukira igihugu ca Azerbayijani yanditse ati: “Mwarakoze cane kurungikira ambasade iki kinyamakuru Umunara w’Inderetsi kidasanzwe. Narahimbawe no kugisoma.”

Turemeranya n’amajambo y’umuvukanyi Amaro Teixeira ahagarikiye Ibiro bijejwe gutanga amakuru kw’ishami rya Mozambike. Yavuze ati: “Iri sekeza riramaze kuvamwo ibintu vyiza cane kuruta uko twari tuvyiteze. Ubutumwa bw’Ubwami bwarashikiriye abantu bitoroshe ko dushikira ngo tubabwire inkuru nziza.”

Nta gukeka ko tuzoronka ayandi makete yo gushima avuye ku bategetsi n’abandi bantu uko ubwo butumwa bwo muri Bibiliya bubandanya gushikira “abo bose bari mu kibanza co hejuru.”​—1 Timoteyo 2:2.