Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

3 Ntwarante 2014
UBURUSIYA

Sentare y’iyungururizo yo mu Burusiya ishigikira uburenganzira bwa kiremwa muntu mu kwanka ko umuhora JW.ORG ubuzwa

Sentare y’iyungururizo yo mu Burusiya ishigikira uburenganzira bwa kiremwa muntu mu kwanka ko umuhora JW.ORG ubuzwa

Ku wa 22 Nzero 2014, umugwi w’abacamanza batatu ba Sentare y’intara ya Tver warafuse ingingo yari yafashwe na sentare yo hasi yo kubuza umuhora wa jw.org, akaba ari wo muhora wemewe w’Ivyabona vya Yehova. * Mu buryo butandukanye n’izindi ngingo zafashwe n’amasentare yo mu Burusiya mu myaka iheze, iyo Sentare y’intara yarakurikije amategeko iranka gukurikiza ivyo umushikirizamanza yaguma asaba yivuye inyuma ngo uwo muhora ubuzwe.

Ikubagurwa n’itotezwa ry’Ivyabona vya Yehova bwo mu Burusiya ryunyutse ku wa 7 Myandagaro 2013, igihe sentare yo hasi y’i Tver (ku bilometelo nka 160 amaja mu buraruko bushira uburengero bwa Moscou) yafata ingingo yo kubuza umuhora wa jw.org, mu rubanza rwamaze iminuta 25 yonyene. Abaserukira Ivyabona vya Yehova ntibamenyeshejwe ivy’urwo rubanza, gutyo ntibaronka akaryo ko kwiregura ku birego vyavyuwe n’umushikirizamanza waho ngo bisigure kuri iyo sentare. Ivyabona vya Yehova bamenye ivy’iyo ngingo biciye ku bimenyeshamakuru, amasaha make gusa imbere y’uko igihe co kwunguruza kirangira ku wa 12 Nyakanga 2013. Baciye ubwo nyene bungururiza muri Sentare y’intara ya Tver.

Mu gihe c’iyumvirizwa ry’urwo rubanza rw’iyungururizo ku wa 22 Nzero 2014, iyo Sentare y’intara yaremeje ko uburenganzira bw’ishirahamwe ry’Ivyabona vya Yehova ritunganya uwo muhora bwahonyanzwe, maze ishinga ko urwo rubanza rusubira kwumvirizwa kugira ngo impande zose zisigure. Umushikirizamanza, ashigikiwe n’abari baje baserukiye ubushikiranganji bw’ubutungane n’ubw’intwaro yo hagati mu gihugu, yarasavye ko sentare yokwemeza ko uwo muhora ngo ari uw’intagondwa maze ubuzwe mu Burusiya hose. Iyo Sentare yariyambitse umutamana mu kwanka ivyo yariko arasaba.

Ingene isekeza ryo mu gihugu cose ryo kuburabuza Ivyabona vya Yehova ryatanguye: itegeko ryerekeye intagondwa rikoreshwa nabi kugira ngo babuze igikorwa c’Ivyabona vya Yehova. Guhera mu 2009, abajejwe intwaro mu Burusiya barakoresheje amajambo adatomoye yo m’Itegeko ry’igihugu rirwanya ibikorwa vy’intagondwa, kugira ngo barushirize gutoteza Ivyabona vya Yehova. Batanguriye ku gufatira ku tuntu kanaka, mu nyuma barabikuza gushika biba isekeza rikwiye mu gihugu cose ryo kubarwanya. Abo bajejwe intwaro bakoresheje nabi iryo tegeko rirwanya intagondwa mu gukora ibi bikurikira:

  • guhagarika Ivyabona vya Yehova barenga 1.600;

  • kubuza ibitabu 70 vyabo bivuga ivy’Imana;

  • gusaka mu ngo be no mu bibanza vyo gusengeramwo 171; be no

  • kubaciramwo incuro 69 bariko barasenga

Mu rubanza rw’i Tver, umushikirizamanza yashatse ko umuhora wa jw.org ubuzwa ngo kubera ko urimwo ibitabu bitandatu bishigikira ivyiyumviro vy’intagondwa. Iyo Sentare ntoyi ya Tsentralniy yo mu ntara ya Tver yari yarishimikije amategeko yo kurwanya intagondwa mu gufata ingingo yo ku wa 7 Myandagaro 2013 yo kubuza umuhora wa jw.org no kuwushira mu rutonde rw’igihugu rw’ibikoresho vy’intagondwa.

Iyo ngingo vyaragaragaye ko yarengeje urugero kubera ko bari gupfuma basaba ko ivyo bitabu vyitwa ngo ni ivy’intagondwa bikurwa mu bitabu riri kuri uwo muhora. Igihe iyo Sentare y’intara yatahura yuko nyene uwo muhora wa jw.org yari amaze gukuramwo ibitabu vyose bivugwa ko ari ivy’intagondwa, ku buryo abanyagihugu bo mu Burusiya batabishikira, ntivyayigoye gushika ku ciyumviro c’uko ata tegeko ryari rigishobora kubuza uwo muhora. Ubu iyo ngingo yarabaye ntabanduka naho umushikirizamanza agifise amezi itandatu yo gusaba ko basubira kugenzura ivy’uwo muhora.

Ingingo ya Sentare y’intara ya Tver, yoba yotuma twitega ivyiza muri kazoza?

Naho ari ukwo, impinga iracari ndende. Ingingo itagira aho ihengamiye ya Sentare y’intara ya Tver iratandukanye cane n’ingingo z’agacinyizo izindi sentare zo mu Burusiya zifatira Ivyabona vya Yehova. Incuro nyinshi, ya Sentare y’Abanyaburaya ijejwe agateka ka zina muntu yarakubise intahe mu gahanga Uburusiya kubera uguhonyanga umwidegemvyo w’ivyo gusenga w’Ivyabona vya Yehova. Aho gushira mu ngiro ingingo ziba zafashwe n’iyo Sentare, Uburusiya bwarabandanije guhonyanga uburenganzira bwa kiremwa muntu. Mu kuburanira uburenganzira bwabo mu vyo gusenga, Ivyabona vya Yehova bafise muri iyo sentare imanza 23 bitwariye Uburusiya zikirindiriye gucibwa.

None ya ngingo ya Sentare y’intara ya Tver yoba yotuma twitega ivyiza muri kazoza? Ivyabona vya Yehova bazoguma bakurikirana ukuntu Uburusiya buzoshira mu ngiro iyo ngingo be n’ingene imanza zimirije ziri muri ya Sentare y’Abanyaburaya ijejwe agateka ka zina muntu zizocibwa.

^ ing. 2 Ukubuza uwo muhora, ntivyotumye abantu badashobora kuwinjiramwo. Ahubwo, vyoha abajejwe intwaro ububasha bwo guhana uwo ari we wese awumenyekanishije ku bandi.