Ja ku birimwo

UBURUSIYA

Bapfunzwe bazira ukwemera kwabo: Uburusiya

Bapfunzwe bazira ukwemera kwabo: Uburusiya

Abategetsi b’Uburusiya barabandanya kugira ibitero bikaze ku Vyabona vya Yehova biciye kw’isekeza ryo kubatera ubwoba, ivyo akaba ata ho bitaniye n’ivyaba mu gihe c’intwaro y’Abasoviyeti. Kuva mu 2017, imihana y’Ivyabona amajana yarasatswe, baragirwako amatohoza, barafatwa kandi barapfungwa. Gushika ku wa 21 Ntwarante 2022, Ivyabona 78 ni bo bari mw’ibohero ushizemwo n’abapfunzwe vy’agateganyo, 30 bari bapfunzwe ic’amaso, 216 na bo bakaba batari bafise uburenganzira bwo kuva mu gisagara babamwo. Bose bagirizwa gutunganya ibikorwa vy’ishirahamwe bita ngo ni iry’intagondwa, kubigiramwo uruhara canke kuriterera. Ivyabona bashika 397 ni bo bariko baragirwako amatohoza, bakaba bafise imyaka iri hagati ya 21 na 91.

Ingene Abarusiya bashira mu ngiro itegeko ryerekeye ibikorwa vy’intagondwa

Abategetsi bikika inyuma y’itegeko ryo muri Ndamukiza 2017 rifuta inzego zose z’Ivyabona zemewe n’amategeko kandi bakagoreka ingingo ya 282 yo mu Gitabu c’amategeko mpanavyaha y’Uburusiya yerekeye ibikorwa vy’intagondwa. Ariko mu vy’ukuri, bariko bararwanya Ivyabona vya Yehova, bababuza kwisengera mu mahoro. Abamaze gufatwa nibaramuka bagiriwe n’icaha, bamwebamwe muri bo barashobora gucibwa umunyororo ushika ku myaka cumi.

Inyuma y’ukwezi kumwe igikorwa cacu gihararitswe, Dennis Christensen, Umunyadanemarke afise imyaka 48 yarafatiwe i Oryol. Ku wa 25 Rusama 2017, abapolisi bafise ibirwanisho bikomakomeye n’abandi bakozi bo mw’iperereza barinjiye ku nguvu mu kibanza Ivyabona vya Yehova bari bakoraniyemwo bariko barasenga mu mutekano baca batwara mu gasho umuvukanyi Christensen. Yagirijwe ibinyoma ngo ‘yatunganije ibikorwa vy’ishirahamwe ry’intagondwa,’ hisunzwe ingingo ya 282.2(1) yo mu Gitabu c’amategeko mpanavyaha y’Uburusiya. Yararengukijwe muri sentare incuro zirenga 50 mu kiringo cababa umwaka. Sentare yamuciriye umunyororo w’imyaka itandatu imuhora gusa ivyo yemera. Vyitezwe ko azorekurwa muri Rusama 2022.

Kuva mu 2017, hari umukenyuro udasanzwe abategetsi bakoresha mu gusaka amazu amajana y’Ivyabona vya Yehova. Abapolisi bafise ibirwanisho bikomakomeye barinjira ku nguvu mu mazu y’Ivyabona, kandi akenshi barabafatirako inkoho ata kuraba ngo ni umwana canke umutama maze bakabategeka kuryama hasi. Bariko barasaka amazu, baratwara ibintu vya beneyo, bagaca bajana Ivyabona bamwebamwe kubasambisha. Abagira amatohoza bahera ku kwagiriza ivyo Vyabona ibikorwa vy’intagondwa bagaca basaba sentare ngo ibapfunge vy’agateganyo. Mu nyuma, bararengutswa mu masentare, bakabacira imanza, bakabaca amande bakongera bakabarungika mw’ibohero.

Gusaka amazu, gusambishwa no gupfungwa vyarabandanije gushika n’ubu naho ku wa 28 Gitugutu 2021 abacamanza bose bagize Sentare nkuru y’Uburusiya basubiyemwo itegeko rijanye n’ibikorwa vy’intagondwa. Iryo tegeko ryerekana ko gusenga uri umwe canke mugize umugwi bidakwiye kubonwa ko biri mu bikorwa vy’ishirahamwe ry’idini ryahagaritswe. Naho biri ukwo, abategetsi b’Uburusiya barabandanya guhama Ivyabona vya Yehova, baba abakiri bato n’abakuze, abagabo n’abagore bitwaje itegeko ryerekeye intagondwa.

Tuguma turondera ko ako karenganyo kohagarara

Abashingwamanza baburanira Ivyabona bapfunzwe barashikirije ibirego vyabo Komite ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu n’Umugwi wa ONU ujejwe gutunganiriza abapfunzwe ku karenganyo. Hariho kandi izindi manza 64 bashikirije ya Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu. Ariko gushika ubu utwigoro bagira kugira barabe ko ivyo gupfungwa ku karenganyo vyohagarara ntaco turavamwo.

Amashirahamwe mpuzamakungu yariyamirije ingene Abarusiya bafata Ivyabona vya Yehova bishimikije itegeko ryerekeye intagondwa. Nk’akarorero, ku wa 12 Ntwarante 2020, umunyamabanga ntayegayezwa w’Ishirahamwe rijejwe umutekano no gufashanya mu Buraya hamwe n’Ubumwe bwa Buraya vyarasohoye urwandiko rwiyamiriza ukuntu abategetsi b’Uburusiya bafata nabi Ivyabona vya Yehova. Rwavuga ruti: “Ubumwe bwa Buraya burarajwe ishinga cane n’ukuntu Ivyabona vya Yehova bo mu Burusiya babandanya gutotezwa . . . Turahagaritswe umutima n’amaraporo duherutse kuronka y’Ivyabona batari bake bakubagurwa bakongera bagafatwa nabi mu mabohero.” Rubandanya ruti: “Ikubagura rirateye kubiri n’amategeko mpuzamakungu agenga agateka ka zina muntu n’Uburusiya bwasinye, nka ya Masezerano ya ONU ajanye no kurwanya ihohotera, agatotezo be n’ayandi mabi akorerwa ikiremwa muntu, Amasezerano mpuzamakungu yerekeye amategeko agenga abantu n’ivyabo be n’uburenganzira mu vya politike be na ya Masezerano y’Abanyaburaya yerekeye agateka ka zina muntu.”

Neil Bush, ambasaderi w’Ishirahamwe rijejwe umutekano no gufashanya mu Buraya mu Bwongereza aherutse guserura amakenga afise ku vyavuzwe n’umunyamabanga ntayegayezwa w’iryo shirahamwe ku wa 4 Ntwarante 2021:

Kuva [Sentare nkuru y’Uburusiya] ihagaritse igikorwa c’Ivyabona vya Yehova mu 2017, twariboneye ingene mu Burusiya igitigiri c’Ivyabona vya Yehova bapfungwa, bakurikiranwa n’amategeko hamwe n’abashengezwa congerekana. Aho harimwo gupfungwa no gucirwa urubanza kwa Valentina Baranovskaya na Roman Baranovskiy vyabaye ku wa 24 Ruhuhuma be n’urubanza rwaciriwe Aleksandr Ivshin ku wa 10 Ruhuhuma. Mwene izo manza zirashira ahabona ingene bateguye umugambi wo guhama Ivyabona vya Yehova. . . . Tuributsa Uburusiya ko ari igihugu kiri mw’Ishirahamwe rijejwe umutekano no gufashanya mu Buraya be n’uko ryateye umukono ku masezerano y’agateka ka zina muntu y’iryo shirahamwe. Rero, bategerezwa kuryubahiriza.

Ivyabaye n’igihe vyabereyeko

  1. 21 Ntwarante 2022

    Ivyabona bapfunzwe bose bari 78.

  2. 12 Nzero 2022

    Umushikiranganji w’ubutungane yarashize programa ya JW Library ku rutonde rw’ibintu Leta y’Uburusiya ivuga ko birimwo ivyiyumviro vy’intagondwa. Ni yo programa ya mbere ikaba na yo yonyene imaze guhagarikwa mu Burusiya yagirizwa ko ari iy’intagondwa.

  3. Ku wa 25 Gitugutu 2021

    Sentare ya Trusovskiy yo mu karere ka Astrakhan yaraciriye umunyororo w’imyaka umunani Rustam Diarov, Yevgeniy Ivanov na Sergey Klikunov. Olga Ivanova na we yaciriwe gupfungwa imyaka itatu n’igice.

  4. Ku wa 27 Nyakanga 2021

    Sentare yo mu gisagara ca Saint Petersburg yaremeje urubanza rwo ku wa 31 Ntwarante 2021 inyuma yo kwunguruza. Urwo rubanza rwagiriza programa ya JW Library ko irimwo ivyiyumviro vy’intagondwa rwongera rurayihagarika mu Burusiya no muri Crimée. Ingingo sentare yari yafashe yaciye ishirwa mu ngiro ubwo nyene.

  5. Ku wa 23 Nyakanga 2021

    Sentare yo mu karere ka Volgograd Traktorozavodsky yaraciriye Sergey Melnik na Igor Yegozaryan umunyororo w’imyaka itandatu. Valeriy Rogozin na we yamuciriye umunyororo w’imyaka itandatu n’amezi atanu.

  6. Ku wa 11 Myandagaro 2021

    Haciye imisi ibiri arengukijwe, sentare ya Abinskiy yo mu karere ka Krasnodar yaraciriye Vasiliy Meleshko umunyororo w’imyaka itatu.

  7. Ku wa 30 Ruheshi 2021

    Sentare ya Blagoveshchensk yo mu karere ka Amur yaraciriye Aleksey Berchuk umunyororo w’imyaka umunani, Dmitriy Golik na we imucira imyaka indwi.

  8. Ku wa 24 Ruhuhuma 2021

    Sentare ya Abakan yo muri Khakassia yaraciriye Valentina Baranovskaya umunyororo w’imyaka ibiri, umuhungu wiwe Roman Baranovskiy na we imucira umunyororo w’imyaka itandatu.

  9. 10 Ruhuhuma 2021

    Sentare ya Abinskiy yo mu karere ka Krasnodar yaraciriye Aleksandr Ivshin umunyororo w’imyaka indwi n’igice.

  10. 2 Nyakanga 2020

    Sentare ya Berezovsky yo mu karere ka Kemerovo yaraciriye Sergey Britvin na Vadim Levchuk umunyororo w’imyaka ine.

  11. 3 Myandagaro 2020

    Sentare y’akarere ka Pskov yarafashe ingingo yo kurekura Gennady Shpakovskiy. Ntiyahinduye ingingo yari yafashe y’uko yagirwa n’icaha, ahubwo umunyororo w’imyaka itandatu n’igice yari yamuciriye yawusubirije igihano co kuza ararenguka ku biro vy’abapolisi ariko agataha gushika ico kiringo kirangiye.

  12. 13 Mukakaro 2020

    Ugusaka ikivunga kw’imihana nka 100 y’Ivyabona b’i Voronezh n’i Belgorod.

  13. 9 Ruheshi 2020

    Sentare yo mu gisagara ca Pskov yaraciriye Gennady Shpakovskiy w’imyaka 61 umunyororo w’imyaka itandatu n’igice.

  14. 6 Ruhuhuma 2020

    Ivyabona batanu muri batandatu baciriwe urubanza ku wa 19 Nyakanga 2019, bararungitswe mu gasho kari ukwa konyene kandi gacunzwe mu buryo bukomeye kari i Orenburg (Colonie pénale no 1). Bashitseyo, abarinzi b’ibohero barabakubise bunyamaswa incuro nyinshi. Makhammadiyev yaravunitse urubavu, ihaha riratoboka n’ifyigo rirononekara.

  15. 19 Nyakanga 2019

    Dmitry Larin, umucamanza muri sentare y’intara ya Saratov iri mu karere ka Leninskiy, yaraciriye umunyororo Ivyabona batandatu b’abagabo ari bo Konstantin Bazhenov, Aleksey Budenchuk, Feliks Makhammadiyev, Roman Gridasov, Gennadiy German na Aleksey Miretskiy bagirizwa ngo batunganya ibikorwa vy’intagondwa.

  16. 23 Rusama 2019

    Sentare y’akarere ka Oryol yarankiye Dennis Christensen kwunguruza kandi iremeza umunyororo w’imyaka itandatu yari yaraciriwe.

  17. 26 Ndamukiza 2019

    Umugwi wa ONU ujejwe gutunganiriza abapfunzwe ku karenganyo wasanze uburenganzira bwa Dimtriy Mikhailov bwarahonyanzwe wongera uriyamiriza ingene Uburusiya buhama Ivyabona vya Yehova.

  18. 6 Ruhuhuma 2019

    Sentare y’akarere ka Zheleznodorozhniy yavuze ko Dennis Christensen yagirwa n’icaha, ica imucira umunyororo w’imyaka itandatu.

  19. 9 Gitugutu 2018

    Abapolisi bari kumwe n’ingabo zidasanzwe baragiye gusaka imihana y’i Kirov. Ivyabona benshi b’abagabo harimwo Umunyapolonye yitwa Andrzej Oniszczuk barafashwe baca barapfungwa vy’agateganyo.

  20. 15 Mukakaro 2018

    Abapolisi baragiye gusaka imihana y’Ivyabona batari bake b’i Penza. Vladimir Alushkin yarafashwe aca arapfungwa vy’agateganyo.

  21. 4 Mukakaro 2018

    Abapolisi baragiye gusaka imihana y’i Omsk. Barafashe Icabona yitwa Sergey Polyakov n’umugore wiwe Anastasiya baca barabapfunga vy’agateganyo. Anastasiya ni we Cabona wa mbere w’umugore yapfunzwe mu Burusiya yagirizwa ko ari intagondwa.

  22. 12 Ruheshi 2018

    Abapolisi baragiye gusaka imihana y’i Saratov. Konstantin Bazhenov, Aleksey Budenchuk na Feliks Makhammadiyev barafashwe baca barapfungwa vy’agateganyo. Ibindi vyabona bitatu, ari bo Gennadiy German, Roman Gridasov na Aleksey Miretskiy barategetswe gusinya urwete rw’uko batazokwigera bava muri ico gisagara.

  23. 3 Ruheshi 2018

    Abapolisi baragiye gusaka imihana y’i Tomsk n’i Pskov. Sergey Klimov yarafashwe aca arapfungwa vy’agateganyo.

  24. 19 Ruhuhuma 2018

    Urubanza rwa Dennis Christensen rwaratanguye kwumvirizwa muri sentare y’akarere ka Zheleznodorozhniy, umucamanza Aleksey Rudnev akaba ari we yari ahagarikiye intahe.

  25. 20 Mukakaro 2017–Munyonyo 2018

    Ikiringo co gupfunga vy’agateganyo Dennis Christensen carongerejwe incuro zitari nke. Ubwa mbere congerejwe na sentare y’akarere ka Sovietskiy, mu nyuma na ho congerezwa na sentare y’akarere ka Zheleznodorozhniy.

  26. 26 Rusama 2017

    Sentare y’akarere ka Oryol yaraciriye Dennis Christensen kumara amezi abiri apfunzwe vy’agateganyo.

  27. 25 Rusama 2017

    Abapolisi baragiye gusaka ikibanza Ivyabona bariko barasengeramwo i Oryol baca barafata Dennis Christensen.

  28. 20 Ndamukiza 2017

    Sentare nkuru y’Uburusiya yarafashe ingingo yo gufuta ibiro vy’Ivyabona vya Yehova mu Burusiya be n’amashirahamwe 395 abikukira yongera irigarurira ubutunzi bw’Ivyabona.