Ibijanye n’imanza mu Burusiya
Sentare ntahinyuzwa y’Uburusiya yaremeje ingingo yari yafashe yo guhagarika Ivyabona vya Yehova
Sentare ntahinyuzwa y’Uburusiya yaranse kwongera kwumviriza urubanza rw’Ivyabona, maze ishigikira ingingo yari yafashe ku wa 20 Ndamukiza. Ivyabona bo mu Burusiya bazokwungururiza muri ya Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu no muri Komite ya ONU ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu.
Ibisabwa ku bijanye n’urubanza rw’Ivyabona vya Yehova b’i Taganrog mu Burusiya
Kuva mu 2011, Ivyabona vya Yehova 16 barakubiswe intahe mu gahanga bahorwa ivyo bemera. Hoba none hari ibimenyamenya vyerekana ko ibikorwa vyabo ari ivy’intagondwa, nk’uko bavyagirizwa?
Ivyabona vya Yehova basubira kuburanywa i Taganrog: Akarenganyo kazohera ryari?
Ivyabona 16 bo mu Burusiya b’abanyamahoro boba bazopfungwa bazira gukora ibijanye n’ukwizera kwabo?