Ja ku birimwo

KW’ISI YOSE

Bapfunzwe bazira ukwemera kwabo: Crimée

Bapfunzwe bazira ukwemera kwabo: Crimée

Ivyo kurwanya no guhohotera Ivyabona vya Yehova bigirwa n’abategetsi bo mu Burusiya ubu na ho vyatandukiriye no muri Crimée. Uretse ko Leta y’Uburusiya yahagaritse inzego zemewe n’amategeko zikoreshwa n’Ivyabona, biraboneka ko ifise intumbero yo kubabuza gukora ibikorwa vyabo bijanye no gusenga. Kuva aho Uburusiya buhagarikiye ibikorwa vy’Ivyabona muri Ndamukiza 2017, abategetsi b’aho baragavye ibitero bitari bike hirya no hino mu Burusiya aho Ivyabona baba bakoraniye. Bamwe barafashwe barapfungwa. Ubwo buryo nyene ni bwo buriko burakoreshwa mu kurwanya Ivyabona vya Yehova bo muri Crimée.

Isakwa ryagizwe i Dzhankoy muri Munyonyo 2018

Sergey Filatov

Ku wa 15 Munyonyo 2018, ni ho batangura gusaka amazu i Dzhankoy muri Crimée. Abapolisi nka 200 n’inteko zidasanzwe za gisirikare barateye imihana umunani yari ikoraniyemwo imigwi mitomito y’Ivyabona bariko basoma Bibiliya bongera bayiganirako. Abasirikare nka 35 bitwaje ibigwanisho kandi bambaye ibintu bibahisha mu maso barinjiye mu nzu ya Sergey Filatov, ahari hakoraniye Ivyabona batandatu. Ico kintu carateye ubwoba cane ivyo Vyabona. Abo basirikare barafashe umugabo w’imyaka 78, bamufyondera ku ruhome, baca bamutura hasi, bamushirako minote baca baramukubita bunyamaswa ku buryo yavanywe ng’aho bamwirukangana kwa muganga. Abandi bagabo babiri bitereye mu myaka baragizweko iterabwoba cane ku buryo baciye bagira ivumbuka ry’umurindi w’amaraso baca bajanwa kwa muganga. Ikibabaje kuruta, ku wundi muhana bateye, hari umukenyezi inda yakorotse.

Inyuma y’ico gitero, Sergey Filatov yaratanguye gukurikiranwa n’ubutungane hisunzwe ingingo ya 282.2(1) yo mu Gitabu c’amategeko mpanavyaha y’Uburusiya yerekeye gutunganya ibikorwa vy’intagondwa. Ku wa 5 Ntwarante 2020, sentare yaraciriye Sergey Filatov umunyororo w’imyaka itandatu. Urubanza rukimara gusomwa yaciye ajanwa mw’ibohero. Muri Munyonyo 2020, ababuranira Filatov bararungitse urubanza rwiwe muri ya Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu. Filatov arubatse kandi afise abana bane, babiri muri bo bakaba bakiri bato.

Ayandi mazu y’Ivyabona vya Yehova yasatswe

Artem Gerasimov

Ku wa 20 Ntwarante 2019, inteko zidasanzwe zarasatse imihana umunani y’Ivyabona vya Yehova yo mu gisagara ca Alupka n’ica Yalta. Muri ukwo gusaka, baratwaye Amabibiliya, ama orodinateri n’utundi twuma two mu buhinga bwa none. Artem Gerasimov yaciye yagirizwa gutunganya ibikorwa vy’intagondwa kubera gusa yahuriye hamwe n’abandi kugira baganire kuri Bibiliya. Yaciriwe umunyororo w’imyaka itandatu, bikaba vyitezwe ko azorekurwa muri Ruheshi 2026.

Viktor Stashevskiy

Ku mugoroba wo ku wa 4 Ruheshi 2019, inteko zidasanzwe zarasatse imihana cumi y’Ivyabona vya Yehova i Sevastopol. Igihe bariko barasaka, barafashe Viktor Stashevskiy. Amaherezo baramurekuye hanyuma bamutegeka kutava mu karere abamwo. Mu nyuma, Stashevskiy yagirijwe ko atunganya ibikorwa vy’intagondwa baca bamucira gupfungwa imyaka itandatu n’igice. Vyitezwe ko azorekurwa muri Mukakaro 2027.

Igor Shmidt

Ku wa 1 Gitugutu 2020, imihana icenda y’Ivyabona vya Yehova yarasatswe i Sevastopol muri Crimée. Hari urubanza rwerekeye Igor Schmidt rwatangujwe. Ku wa 22 Gitugutu 2021, sentare ya Gagarinskiy yo mu karere ka Sevastopol yaraciriye Shmidt umunyororo w’imyaka itandatu.

Ivyabaye n’igihe vyabereyeko

  1. 22 Gitugutu 2021

    Shmidt yaraciriwe umunyororo w’imyaka itandatu.

  2. 1 Gitugutu 2020

    Imihana icenda yarasatswe i Sevastopol. Igor Shmidt yarafashwe baca bamupfunga ivy’agateganyo.

  3. 4 Ruheshi 2020

    Sentare nkuru ya Crimée yaraciriye Gerasimov umunyororo w’imyaka itandatu

  4. 5 Ntwarante 2020

    Filatov yaraciriwe umunyororo w’imyaka itandatu.

  5. 4 Ruheshi 2019

    Inteko zidasanzwe zaragiye gusaka imihana cumi i Sevastopol. Stashevskiy yaciye yagirizwa ko atunganya ibikorwa vy’intagondwa.

  6. 20 Ntwarante 2019

    Inteko zidasanzwe zaragiye gusaka imihana umunani yo mu gisagara ca Alupka n’ica Yalta. Gerasimov yarasambishijwe aca yagirizwa gutunganya ibikorwa vy’intagondwa.

  7. 15 Munyonyo 2018

    Imihana umunani harimwo n’uwa Sergey Filatov yaratewe n’abapolisi nka 200 n’inteko zidasanzwe za gisirikare i Dzhankoy.