Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

HAUT-KARABAKH

Bapfunzwe bazira ukwemera kwabo

Bapfunzwe bazira ukwemera kwabo

Muri Haut-Karabakh barapfunga Ivyabona vya Yehova bakwije imyaka yo kuja mu gisirikare banka kukijamwo kubera ijwi ryabo ryo mu mutima. Leta ntiyemera ko umuntu afise ubwo burenganzira kandi ntitegekanya ibikorwa bitari ivya gisirikare umuntu yokora mu gishingo co kuja mu gisirikare. Ivyo vyatumye urwaruka rw’Ivyabona rucirwa umunyororo kubera ko rubaho rwisunga ivyo rwemera, ivyo na vyo bikaba bijanye no kutaja mu vyo kurwanya abantu nka bo.

Basaba ibikorwa vyosubirira ivya gisirikare ariko ntibavyemererwa

Ku wa 29 Nzero 2014, Komisariya ya gisirikare yo mu gisagara ca Askeran yaratumyeko Artur Avanesyan ngo aje mu gisoda, uno akaba ari Icabona ca Yehova. Bukeye, Avanesyan yarandikiye Komisariya y’igisirikare ya Haut-Karabakh asaba ko yohabwa ibikorwa bitari ivya gisirikare mu gishingo co kuja mu gisoda. Umushingwamanza wiwe yarabonanye n’abategetsi b’i Haut-Karabakh no muri Armeniya maze baraganira ivyo kureka Avanesyan agakora ibikorwa bitari ivya gisirikare mu gishingo co kuja mu gisoda, akabikorera muri Armeniya.

Avanesyan, yiteze ko azokwemererwa, yarimukiye muri Armeniya maze ku wa 13 Ruhuhuma 2014 arandikira Komisariya yo muri Armeniya y’ivya gisirikare icete co gusaba ko yohabwa ibikorwa bitari ivya gisirikare yokora mu gishingo co kuja mu gisoda. Avanesyan yari yiteze guhamagarwa n’urwego rwo muri Armeniya ruraba ibijanye n’ibikorwa bitari ivya gisirikare bikorwa mu gishingo co kuja mu gisoda, ariko ku wa 14 Mukakaro 2014 yaciye arengutswa ku gituro c’abapolisi c’i Yerevan. Ashitse kuri ico gituro, yasanze igipolisi c’i Haut-Karabakh kimurindiriye. Baciye bamufata bamujana i Haut-Karabakh. Bukeye, yaciye aja gupfungwa ivy’agateganyo yongera arasambishwa muri Sentare y’intango y’i Haut-Karabakh.

Igihe yariko arasambishwa, yaramenye ko hari haciye amezi ane sentare isohoye umutahe wo kumuhagarika no kumupfunga mu kurindira ko acirwa urubanza. Iyo sentare yarashigikiye iyo ngingo yari yarafashe, maze ubwo nyene Avanesyan aca arapfungwa. Avanesyan yarasavye ko iyo sentare yokwihweza ivy’ukwo gupfungwa ivy’agateganyo, ariko yaranse.

Ku wa 30 Nyakanga 2014, sentare yarakubise intahe mu gahanga Avanesyan ica imucira umunyororo w’imyaka ibiri n’amezi atandatu. Sentare y’iyungururizo yarashigikiye urwo rubanza. Avanesyan yaciye yitura Sentare nkuru y’i Haut-Karabakh, ariko ku wa 25 Kigarama 2014, n’iyo Sentare yaremeje ko yokubitwa intahe mu gahanga.

Haut-Karabakh irabandanya gupfunga abakiri bato kubera ko babaho bisunga ijwi ryabo ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya. Aho iba iriko irahonyanga amategeko mpuzamakungu arekurira abanka kuja mu gisoda bishimikije ijwi ryabo ryo mu mutima gukora ibikorwa bisubirira ivya gisirikare.

Ivyabaye n’igihe vyabereyeko

  1. 25 Kigarama 2014

    Sentare nkuru y’i Haut-Karabakh yarashigikiye ko Artur Avanesyan akubitwa intahe mu gahanga.

  2. 30 Nyakanga 2014

    Martakert, Sentare y’intango y’i Haut-Karabakh yarakubise intahe mu gahanga Artur Avanesyan ica imucira umunyororo w’imyaka ibiri n’amezi atandatu.

  3. 14 Mukakaro 2014

    Artur Avanesyan yarafatiwe muri Armeniya aca arungikwa i Haut-Karabakh gupfungwa ivy’agateganyo.

  4. 30 Kigarama 2011

    Karen Harutyunyan, Icabona w’imyaka 18, yaciriwe umunyororo w’imyaka ibiri n’amezi atandatu kubera ko yanse kuja mu gisirikare abitumwe n’ijwi ryiwe ryo mu mutima.

  5. 16 Ruhuhuma 2005

    Areg Avanesyan, Icabona ca Yehova, yarapfunzwe azira ko yanse kuja mu gisikare abitumwe n’ijwi ryiwe ryo mu mutima, akaba yaciriwe umunyororo w’imyaka ine.

  6. 12-13 Ruheshi 2001

    Ivyabona batatu baraciriwe umunyororo uva ku mezi atandatu gushika ku mwaka kubera ko banse kuja mu myimenyerezo ya gisirikare, ivyo bakaba babitumwe n’ijwi ryabo ryo mu mutima.