Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

24 NYAKANGA 2014
ERITREYA

Imyaka 20 iraheze bapfunzwe muri Eritreya—Boba bazoteba bakarekurwa?

Imyaka 20 iraheze bapfunzwe muri Eritreya—Boba bazoteba bakarekurwa?

Haraheze imyaka 20 abategetsi bo muri Eritreya bafashe imisore itatu barayipfunga mu buryo bubabaje mw’ibohero ryitwa Sawa, hakaba ariho bagipfungiwe gushika n’ubu. Nta caha na kimwe bigeze bagirizwa, eka kandi ntibigeze baronka akaryo ko kuja kuburana muri sentare. None ni kubera iki bapfunzwe gutyo ku karenganyo?

Paulos Eyassu, Negede Teklemariam, na Isaac Mogos ni Ivyabona vya Yehova, kandi baranse bisunze ijwi ryabo ryo mu mutima gukora ibikorwa vya gisirikare kubera ko bumira cane ku vyo bemera. Iyo baba bagirijwe icaha co kwanka gukora ibikorwa vya gisirikare, bari kuba barabaciriye ikiringo kanaka bopfunzwe. Ubu Paulos afise imyaka 41, Negede 40, Isaac na we 38. Bose uko ari batatu ubuto bwabo babumaze bari mu gasho. Baratswe uburenganzira bwo kwubaka izabo no kuvyara abana, ubwo gushigikira abavyeyi babo bageze mu zabukuru, n’ubwo kubaho nk’uko bovyipfuza. Baratswe kandi uburenganzira bwo kuja gusengera hamwe n’abo basangiye idini.

Igihe Paulos, Negede, na Isaac bafatwa ku wa 24 Nyakanga 1994, barakubiswe cane, mbere barasinzikarizwa ubuzima n’abakuru bo muri rya bohero ryitwa Sawa. Ariko muri iyi myaka iheze, bararetse kubakubagura, kandi umwiyemezo bafise wo kuguma bumiye ku vyo bemera waratumye bubahwa n’abacunzi b’ibohero barimwo.

Ibindi Vyabona bapfunzwe mu buryo bubabaje

Muri Eritreya ni ho Ivyabona vya Yehova bahamwa cane kurusha ibindi bihugu vyo kw’isi. Gushika ubu iki kiganiro kiriko kirandikwa Ivyabona 73 barapfunzwe, harimwo abagore, abana, n’abageze mu za bukuru. Benshi baramaze igihe bapfunzwe mu buryo bubabaje, bataronka ibifungurwa n’amazi bikwiye kandi bakubagurwa n’abakuru b’ibohero. Hari ibindi Vyabona batatu b’abagabo bamaze imyaka irenga cumi bapfungiwe mw’ibohero ryitwa Sawa, ariko Paulos, Negede, na Isaac ni bo bamaze igihe kirekire cane bapfunzwe kurusha ibindi Vyabona bo muri Eritreya.

Amashirahamwe mpuzamakungu ahamagarira Eritreya guhagarika guhama amadini

Amakungu arazi neza ukuntu Eritreya ifata nabi Ivyabona vya Yehova be n’abandi bantu bo mu madini matomato.

  • Buri mwaka kuva mu 2004, ubushikiranganji bw’imigenderanire n’amakungu bwo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika bwadondoye Eritreya ko ari “igihugu gifise ingorane ikomeye,” ivyo bikaba bivugwa ku “gihugu cose Leta yaco irenza uruho rw’amazi ku vyo kwaka abantu uburenganzira bwo gusenga, ivyo kikabigira mu buryo buteguwe neza, bubandanya kandi bubabaje.”

  • Inama ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu yarerekanye ko irajwe ishinga n’ukuntu “abategetsi bo muri Eritreya batubahiriza namba agateka ka zina muntu k’abatwarwa babo bakaba n’abanyagihugu bagenzi babo.” Ihamagarira Leta ya Eritreya “kwubahiriza uburenganzira umuntu afise bwo ... kugira ivyiyumviro kanaka, kwisunga ijwi ryiwe ryo mu mutima, no kuja mw’idini kanaka.”

  • Umugwi wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika ujejwe umwidegemvyo w’amadini yo kw’isi yose wavuze muri raporo yawo yo mu 2014 uti: “Ukuntu ivy’umwidegemvyo wo gusenga vyifashe ku ... Vyabona vya Yehova birateye agahinda.”

  • Icegeranyo co mu 2013 c’Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe agateka ka zina muntu cerekanye ko Leta ya Eritreya ibandanya gufata, gupfunga, no gutoteza abantu bo mu madini “atemewe” kandi ko “Ivyabona vya Yehova ari bo canecane bahasinzikarira.”

  • Muri Kigarama 2005 Umugwi wo muri Afrika ujejwe agateka ka zina muntu warasohoye ico wise Icegeranyo c’ingene agateka ka zina muntu kifashe muri Eritreya, muri co uwo mugwi ukaba warateye akamo Eritreya ngo “yame yubahiriza uburenganzira umuntu afise bwo gutunganirizwa, umwidegemvyo afise wo guserura ico agona, hamwe n’uburenganzira abantu bafise bwo kugira ibikorane mu mahoro.”

Philip Brumley, umuhanuzi mu vy’amategeko w’Ivyabona vya Yehova, yaravugiye Ivyabona vya Yehova bo kw’isi yose, ati: “Turizigiye cane ko Leta ya Eritreya izorekura Ivyabona bose bapfunzwe, harimwo n’abo basore batatu bamaze imyaka 20 bapfunzwe, kandi turizigiye ko izohagarika guhama abo dusangiye ukwemera.”