Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

AZERBAYIJANI

Barapfunzwe bahorwa ukwizera kwabo

Barapfunzwe bahorwa ukwizera kwabo

Ibwirizwa shingiro rya Azerbayijani riremera ko abanse kuja mu gisirikare kubera ijwi ryabo ryo mu mutima basaba ibindi bikorwa bitari ivya gisirikare, mugabo leta yaranse kwemeza itegeko rishinga mwene ivyo bikorwa. Ivyo vyatumye Ivyabona vya Yehova bahamwa bongera barapfungwa kuko banka kuja mu gisirikare babitumwe n’ukwemera kwabo.

Igihugu ca Azerbayijani ntigishitsa ivyo ciyemeje

Ng’ibi bimwe mu vyo igihugu ca Azerbayijani ciyemeje igihe casaba kwinjira mu Muryango w’ibihugu vya Buraya mu 1996: (1) kwemeza itegeko rigenga ibikorwa bisubirira ivya gisirikare, kikabigira hataraca imyaka ibiri cinjiye muri uwo Muryango, (2) kugirira ikigongwe abo bose bapfunzwe bahorwa ko banse kuja mu gisirikare kubera ijwi ryabo ryo mu mutima be no (3) kubemerera guhitamwo ibindi bikorwa atari ivya gisirikare. Imyaka irenga 13 iraheze Azerbayijani yinjiye muri uwo Muryango, ariko ntirashitsa ivyo yiyemeje.

Mw’isuzuma ryagizwe mu 2011 n’Umugwi wo mu Muryango w’ibihugu vya Buraya ujejwe kurwanya amacakubiri ashingiye kw’ibara ry’urukoba no kurwanya ivyo guhora abandi ivyiyumviro vyabo, uwo Mugwi wavuze ku bijanye n’ico gihugu uti: “[Tu]rasavye abategetsi ba Azerbayijani kwemeza vyihuta itegeko rigenga ibikorwa bisubirira ivya gisirikare bakurikije ingingo Uburaya bwose bwisunga. . . . [Tu]rasubiye gusaba dushimitse ko abategetsi batokwagiriza canke ngo bapfunge abanse ibikorwa vya gisirikare, mugabo ko bobaha akaryo ko gukorera igihugu mu yindi mice ihuje n’ijwi ryabo ryo mu mutima ritabemerera kuja mu gisirikare.”

Uwanse kuja mu gisirikare kubera ijwi ryo mu mutima yarinjijweyo ku nguvu yongera arapfungwa

Leta ya Azerbayijani irabandanya kwiyobagiza uburenganzira umuntu afise bwo kwanka ibikorwa vya gisirikare abitumwe n’ijwi ryiwe ryo mu mutima. Ku wa 23 Myandagaro 2013, Icabona ca Yehova yitwa Kamran Shikhaliyev w’imyaka 17 yaramenyesheje Ibiro vy’akarere ka Baku Nizami bijejwe igikorwa ca leta co guhimiriza abantu no kubinjiza mu gisirikare yuko akeneye kuja kwisuzumisha kwa muganga. Ico gihe be no mu bindi bihe Shikhaliyev yari yahamagajwe n’ivyo Biro, yarasiguye ko atoja mu gisirikare kubera ijwi ryo mu mutima, aca asaba ibindi bikorwa atari ivya gisirikare. Ku wa 8 Gitugutu 2013, Shikhaliyev yarashikirije ivyo Biro urwandiko rwemeza icese ko asavye ibikorwa bisubirira ivya gisirikare. Igihe Shikhaliyev yasubira kuri ivyo Biro ku wa 10 Gitugutu 2013, abategetsi ba Azerbayijani baciye bamwinjiza mu gisoda ku nguvu. Abakuru b’igipolisi baramutwaye ku gahato, amaherezo bamuhereza abasirikare, na bo baca baramugumya ku kirindiro cabo.

Ku wa 16 Ndamukiza 2014, hakaba hari haheze amezi arenga atandatu Shikhaliyev apfunzwe bidaciye mu mategeko, Sentare ya gisirikare y’i Jalilabad yamukatiye kumara umwaka apfungiwe mu gasho ka gisirikare ko gukosorerwamwo. Iyo sentare yamwagirije ko ari umusoda yinjiye mu gisirikare hanyuma aratoroka. Ariko Shikhaliyev ntiyari yarigeze agira indahiro ya gisirikare, ngo yambare impuzu za gisirikare canke ngo akore igikorwa na kimwe ca gisirikare. Vyongeye, ntiyigeze asiba na rimwe igihe yaba arengukijwe na vya Biro vy’akarere. Igihe cose yaritaba agasigura ko ijwi ryiwe ryo mu mutima ritomwemerera gufata ibirwanisho.

Shikhaliyev yarunguruje, ariko Sentare y’iyungururizo yaranse urwo rubanza ku wa 16 Mukakaro 2014. Muri Kigarama 2014, igisirikare caramwimuriye mu gasho ko gukosorerwamwo kari i Salyan muri Azerbayijani, ariko nta cerekana ko ico gisirikare kibona yuko yamaze gutangura umwaka yakatiwe gupfungwa. Shikhaliyev arizeye ko Sentare Nkuru ya Azerbayijani izokwumviriza urubanza rwiwe maze yemeze uburenganzira afise bwo kwanka kuja mu gisirikare kubera ijwi ryo mu mutima.

Ivyabaye n’igihe vyabereyeko

  1. Ku wa 17 Ruhuhuma 2015

    Sentare y’akarere ka Sabail ikorera i Baku yarategetse ko Irina Zakharchenko na Valida Jabrayilova batabwa mw’ibohero ubwo nyene, bagapfungwa vy’agateganyo amezi atatu ngo kubera bahaye abantu ibitabu vy’idini batabirekuriwe n’amategeko.

  2. Muri Kigarama 2014

    Kamran Shikhaliyev yarimuriwe muri batayo yo gukosorerwamwo iri i Salyan muri Azerbayijani.

  3. Ku wa 16 Nyakanga 2014

    Kamran Shikhaliyev yaragumijwe mw’ibohero bidaciye mu mategeko ariko akaba ataratangura umwaka yakatiwe gufungwa.

  4. Ku wa 16 Ndamukiza 2014

    Kamran Shikhaliyev yarakatiwe gupfungwa umwaka umwe mw’ibohero rya gisirikare ryo gukosorerwamwo kubera ko yanse kuja mu gisirikare.

  5. Ku wa 10 Gitugutu 2013

    Ibiro bijejwe igikorwa ca leta co guhimiriza abantu no kubinjiza mu gisirikare vyarinjije ku nguvu Kamran Shikhaliyev maze bimujana ku gahato mw’ikambi y’abasoda.

  6. Ku wa 12 Ntwarante 2013

    Icabona ca Yehova yitwa Kamran Mirzayev yarakubiswe intahe mu gahanga kubera yanse kuja mu gisirikare abitumwe n’ijwi ryo mu mutima, maze akatirwa gupfungwa amezi icenda. Yahavuye arekurwa atarasozera amezi yakatiwe, kubera ikigongwe c’ikivunga abanyororo bagiriwe.

  7. Ku wa 25 Nyakanga 2012

    Icabona ca Yehova yitwa Fakhraddin Mirzayev yarakubiswe intahe mu gahanga maze akatirwa gupfungwa umwaka kubera yanse kuja mu gisoda abitumwe n’ijwi ryiwe ryo mu mutima.

  8. Ku wa 8 Nyakanga 2010

    Icabona ca Yehova yitwa Farid Mammadov yarakubiswe intahe mu gahanga kubera yanse kuja mu gisirikare abitumwe n’ijwi ryiwe ryo mu mutima, maze akatirwa gupfungwa amezi icenda.

  9. Ku wa 19 Myandagaro 2009

    Mushfig Mammedov yarasubiye gufatwa kubera yanse kuja mu gisirikare abitumwe n’ijwi ryiwe ryo mu mutima, arapfungwa vy’agateganyo yongera aracibwa amande igihe yagirizwa ubugira kabiri.

  10. Ku wa 7 Ntwarante 2008

    Ababuranira Mushfig Mammedov na Samir Huseynov barashikirije ibirego Sentare y’Abanyaburaya ijejwe agateka ka zina muntu kubera leta ya Azerbayijani yariko irabakurikirana ibahora ko banse kuja mu gisirikare babitumwe n’ijwi ryabo ryo mu mutima.

  11. Ku wa 4 Gitugutu 2007

    Icabona ca Yehova yitwa Samir Huseynov yarapfunzwe maze akatirwa kumara amezi cumi mw’ibohero kubera yanse kuja mu gisoda abitumwe n’ijwi ryiwe ryo mu mutima.

  12. Mu 2006

    Icabona ca Yehova yitwa Mushfig Mammedov yaragumijwe mw’ibohero vy’agateganyo yagirizwa ko yanse gukora ibikorwa vya gisirikare kubera ijwi ryiwe ryo mu mutima, mu nyuma ararekurwa kugira amare amezi atandatu apfunzwe ic’amaso.