Ja ku birimwo

Ibijanye n’imanza be n’agateka ka zina muntu

UBURUSIYA

Sentare y’akarere ya Rostov yoba izokwambika izera Ivyabona vya Yehova canke izobapfunga?

Ku wa 11 Kigarama 2014, Sentare y’akarere ya Rostov izokwumviriza urubanza rwungurujwe rwerekeye Ivyabona vya Yehova 16 b’i Taganrog mu Burusiya. Bagirizwa ko bakoze ibikorwa vy’intagondwa.

TIRKIMENISTANI

Tirkimenistani yarabohoye Ivyabona bari bapfunzwe bahorwa ukwizera kwabo

Ku wa 22 Gitugutu 2014, Prezida wa Tirkimenistani yaratanze ikigongwe c’ikivunga, bituma Ivyabona vya Yehova umunani bapfungurwa. Bari bapfunzwe bahorwa ukwizera kwabo.

UBUHINDI

Ikintu c’intibagirwa mu vy’agateka ka zina muntu mu Buhindi

Ingingo yafashwe na Sentare muri rwa rubanza rudasanzwe rujanye n’uko Ivyabona vya Yehova bataririmba ururirimbo rw’igihugu, yatumye agateka ka zina muntu kubahirizwa ku banyagihugu bose bo mu Buhindi.

UBURUSIYA

Sentare nkuru y’Uburusiya yarasubiye kwumviriza urubanza rw’Ivyabona vya Yehova b’i Samara

Ku wa 12 Munyonyo 2014, Sentare nkuru y’Uburusiya yarasubiriye kwumviriza urubanza rujanye no gufuta ishirahamwe ry’Ivyabona vya Yehova i Samara.

KIRGISTANI

Sentare nkuru ya Kirgistani ishigikira umwidegemvyo wo gusenga w’Ivyabona vya Yehova

Kw’igenekerezo rya 4 Nyakanga 2014, Republika ya Kirgistani yarashikije ivyo yiyemeje bijanye no gushigikira agateka ka zina muntu mu kwemera imbere y’amategeko ibikorwa Ivyabona vya Yehova barangurira mu gihugu cose.

ERITREYA

Imyaka 20 iraheze bapfunzwe muri Eritreya​—Boba bazoteba bakarekurwa?

Abasore batatu b’Ivyabona baramaze imyaka 20 bapfunzwe, kandi ntibarigera baburana. Hari n’abandi benshi bapfunzwe. Eritreya yoba izoteba igahagarika urwo ruhamo rushingiye kw’idini?

TIRKIMENISTANI

Inabibondo wo muri Tirkimenistani yapfunguwe

Bibi Rahmanova yararekuwe atari avyiteze ku wa 2 Nyakanga 2014. Naho amakungu yasemereye, abacamanza ntibamwejeje.

TIRKIMENISTANI

Umuvyeyi w’akana k’imyaka ine acirirwa ku karenganyo umunyororo muri Tirkimenistani

Leta ya Tirkimenistani yamye ifata nabi Ivyabona vya Yehova kandi yamye ibima ibintu vyose zina muntu afitiye uburenganzira. Bibi Rahmanova n’umuryango wiwe baheruka kurenganywa n’abategetsi b’i Dashoguz.

UBURUSIYA

Sentare y’i Taganrog yarakubise intahe mu gahanga Ivyabona vya Yehova ibahora ibikorwa bakora bijanye n’ugusenga

Ukwo gukubitwa intahe mu gahanga kurashobora gutuma Ivyabona vya Yehova barenga 160.000 bo mu Burusiya batakaza umwidegemvyo wabo ujanye no gusenga.

UKRAINE

Ukudahana ivyaha kuriko kurasasira indava ikibi muri Ukraine

Ubukozi bw’ikibi bugirirwa Ivyabona vya Yehova buguma bwongerekana bitumwe n’uko bene kubukora badahanwa.

UBURUSIYA

Ivyabona vya Yehova baburana i Taganrog

Ivyabona bo mu Burusiya barahakwa kwakwa umwidegemvyo wo gusenga. Umviriza ivyavuzwe n’Ivyabona 16 bitwariwe be n’ivyavuzwe n’abashingwamanza babo.

UBURUSIYA

Ya Sentare y’Abanyaburaya ishigikira uburenganzira bw’Ivyabona vya Yehova bo mu Burusiya bwo gukoranira hamwe ku bwo gusenga

Ya Sentare y’Abanyaburaya isubira kuvuga ko Uburusiya bwahonyanze agateka k’Ivyabona vya Yehova, harimwo uburenganzira bafise bwo gusenga mu mutekano ntangere.

KOREYA Y’EPFO

Abacamanza barabura amahoro mu mutima iyo birengagije ijwi ryo mu mutima ry’abo bacira imanza

Abacamanza bo muri Koreya y’Epfo barababazwa n’itegeko rirenganya abanka gukora ibiteye kubiri n’ijwi ryabo ryo mu mutima, rikabacira umunyororo aho kwubahiriza agateka kabo.

UBURUSIYA

Urubanza rw’Ivyabona vya Yehova rurabandanya i Taganrog, mu Burusiya

Abanyagihugu 16 baragirijwe ko ari ‘inkozi z’ikibi’ bahorwa ibikorwa vyabo bijanye no gusenga. Hamwe bobihanirwa, umwidegemvyo mu vy’ugusenga w’abanyagihugu bose bo mu Burusiya woba ugeramiwe.

AZERBAYIJANI

Ivyabona vya Yehova bo muri Azerbayijani bitura ya Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu

Leta ya Azerbayijani ivuga ko ari intangakarorero mu vyo kwubahiriza ivyiyumviro vy’abandi mu bijanye n’idini, yamara abanyagihugu b’Ivyabona vya Yehova nta mwidegemvyo mu vyo gusenga bafise.