Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

26 MUNYONYO 2014
UBUYAPANI

Ivyabona vya Yehova barafashije abatewe n’ivyondo i Hiroshima

Ivyabona vya Yehova barafashije abatewe n’ivyondo i Hiroshima

I EBINA mu Buyapani: Imvura y’isegenya yaguye mu gitondo co ku wa 20 Myandagaro 2014 i Hiroshima yarasegenyuye ivyondo, bituma abantu nka 74 bapfa abandi barenga 1.600 barata izabo. Ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vyo mu Buyapani bivuga ko ata Cabona n’umwe yapfuye canke ngo akomereke, naho hari amazu umunani y’Ivyabona yononekaye.

Mu nzu yari yononekaye y’i Hiroshima.

Mu masaha atatu gusa haguye imvura nyinshi cane, ironona ibintu vyinshi, bica bituma Leta itunganya uburyo bwo guhungisha abantu. Ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vyo mu Buyapani vyaciye vyihutira gushiraho komite ijejwe gutabara abashikiwe n’ivyago, vyongera birarondera Ivyabona boja gufasha gukuraho ivyondo vyari vyuzuye mu mazu. Mu gukuraho ivyondo n’imisenyi vyari vyuzuye muri ayo mazu, batonda umurongo bakaza barahanahana. Bahejeje gukura mu nzu ibintu vyaba bitononekaye, baca bayipompamwo umuti wica mikorobe.

Ivyabona bariko barakura ivyondo mu nzu.

Hari ikinyamakuru kimwe ca Leta (citwa Yomiuri Shimbun) cavuze ivyo umukenyezi umwe w’Icabona ca Yehova yari yarokotse yakoze. Ico kinyamakuru cavuze ko Kayoko Nakamizo, uno akaba aba i Yagi mu karere ka Asaminami Ward, yashoboye kuva mu nzu yiwe maze aca “agenda aradodora ku miryango y’ababanyi biwe kugira arabe ko bakiri bazima.” Ivyo vyatumye Kayoko ashobora kurokora umubanyi wiwe yongera arafasha abandi kuva muri ako karere.

Ichiki Matsunaga, umuvugizi w’Ivyabona vya Yehova mu Buyapani, avuga ati: “Dusangiye umubabaro n’abashikiwe n’ico cago. Naho twashikiwe n’iyo ngorane, tuguma tubona ibintu mu buryo bwiza kandi twihatira gufasha no guhumuriza ababanyi bacu.”

Abajejwe amakuru:

Ku rwego mpuzamakungu: J. R. Brown, wo mu Biro bijejwe amakuru, tél. +1 718 560 5000

Mu Buyapani: Ichiki Matsunaga, tél. +81 46 233 0005