Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

14 GITUGUTU 2015
UBURUSIYA

Abahinga bariyamiriza ingingo Uburusiya bwafashe yo kubuza JW.ORG

Abahinga bariyamiriza ingingo Uburusiya bwafashe yo kubuza JW.ORG

SAINT-PÉTERSBOURG, mu Burusiya: Ku wa 21 Mukakaro 2015, Leta y’Uburusiya yarabujije Ivyabona vya Yehova gukoresha urubuga rwabo ari rwo jw.org. Yavuze ko kumenyekanisha urwo rubuga ari icaha gihanwa n’amategeko. Uburusiya ni co gihugu co nyene kw’isi cabujije urwo rubuga.

Umuhinga mu bijanye n’amadini yitwa Yekaterina Elbakyan akaba n’umwigisha kuri kaminuza imwe y’i Moscou, avuga ku bijanye na jw.org ati: “Nibaza ko urwo rubuga rukenewe kuko ari rwo dusangako amakuru atangwa n’Ivyabona vya Yehova ubwabo ku bijanye n’idini ryabo tutarinze kuyabaza abandi. . . . Uretse Ivyabona, n’abandi bantu bitaho ivy’amadini barakoresha urwo rubuga. Aho sindiko mvuga gusa abahinga mu vy’amadini nka jewe, ariko kandi harimwo n’abamenyeshamakuru bakunda kwandika ibijanye n’amadini.”

“Nibaza ko urwo rubuga rukenewe kuko ari rwo dusangako amakuru atangwa n’Ivyabona vya Yehova ubwabo”—Yekaterina Elbakyan, umwigisha kuri kaminuza imwe y’i Moscou

Umuhinga mu vy’amategeko yitwa Lev Levinson wo mw’ishirahamwe riharanira agateka ka zina-muntu ry’i Moscou arerekana ko ico kintu Leta yakoze gisubiza inyuma Uburusiya. Agira ati: “Muri iki kinjana ca 21, Uburusiya burafise ibwirizwa shingiro riha umuntu wese uburenganzira bwo kuja mw’idini ashaka, rigatuma amadini yose afatwa kumwe imbere y’amategeko. Ariko rero nk’uko vyagenze mu kinjana ca 19, mu gufata ibitabu no mu kubuza imbuga ngurukanabumenyi zimwezimwe, Uburusiya buriko burahonyanga uburenganzira umuntu afise bwo kubwira abandi ivyo yemera. Kandi ivyo vyose biriko bigirwa n’abacamanza be n’abahinga bisunga amategeko atari yo bitwaje ngo bariko barwanya intagondwa.”

Intandaro yo kubuza urwo rubuga ni urubanza rwatanguye mu 2013. Itariki 7 Myandagaro z’uwo mwaka, sentare y’intango y’igisagara kimwe c’Uburusiya yavuze mu rubanza rwaciwe mu mwiherero ko urwo rubuga rurimwo “ivyiyumviro vy’intagondwa.” Ariko sentare nkuru y’ico gisagara yarahagaritse iyo ngingo ku wa 22 Nzero 2014. Yamara rero, icariho c’umushikirizamanza mukuru wa Leta y’Uburusiya yarungururije urwo rubanza muri Sentare nkuru y’ico gihugu. Ku wa 2 Kigarama 2014, Sentare nkuru yarashashe Ivyabona vya Yehova atari ho bari ngo biburanire kuko batari bamenyeshejwe ivyo urwo rubanza. Iyo sentare yarashigikiye ya ngingo ya mbere. Yavuze ko ibiri kuri urwo rubuga vyose ari “ivyiyumviro vy’intagondwa” naho yiyemereye ko rutakiriko ikintu na kimwe abategetsi babujije. Ivyabona bariyamirije iyo ngingo baca bitura umukuru wa Sentare nkuru, ariko nta cavuyemwo. Bivuye kuri iyo ngingo yafashwe, ku wa 21 Mukakaro 2015, umushikiranganji w’ubutungane yarashize urwo rubuga ku rutonde rw’ibintu Leta y’Uburusiya ivuga ko birimwo ivyiyumviro vy’intagondwa. Ni ukuvuga ko urwo rubuga rwari rubujijwe mu Burusiya hose.

Umuvugizi w’Ivyabona vya Yehova bo mu Burusiya ari we Yaroslav Sivulskiy, arerekana ingaruka z’iyo ngingo ati: “Birababaje kubona abategetsi b’Uburusiya barafashe iyo ngingo. Irabuza umwidegemvyo wo gusenga Ivyabona vya Yehova barenga 170.000 bari muri iki gihugu. Ariko kandi uravye abantu bashika 285.000 bo mu Burusiya bahora baja kuri urwo rubuga buri musi, biraboneka neza ko n’abatari Ivyabona bahomvye amakuru menshi yabafasha kwiga Bibiliya.”

Umuvugizi w’Ivyabona vya Yehova ari we J. R. Brown akorera ku cicaro gikuru cabo kiri i Brooklyn muri New York, agira ati: “Urwo rubuga rwacu jw.org, ruriko amavidewo yatumye turonka udushimwe, ibitabu bifasha kwiga Bibiliya mu ndimi amajana be n’ibinyamakuru bibiri bisohorwa kuruta ibindi vyose kw’isi, ni ukuvuga Umunara w’Inderetsi na Be maso! Ruramaze kwerekanwa mu mahayanishwa mpuzamakungu maninimanini kuruta ayandi kandi amashure amwamwe ararukoresha cane. Rwarafashije abantu benshi hirya no hino kw’isi kandi rwarakoreshwa cane n’Abarusiya. Vy’ukuri urwo rubuga rwari rukwiye gushigikirwa.”

Uwujejwe amakuru:

Ku rwego mpuzamakungu: J. R. Brown, wo mu biro bijejwe amakuru, tél. +1 718 560 5000

Mu Burusiya: Yaroslav Sivulskiy, tél. +7 812 702 2691