Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

KU WA 31 GITUGUTU 2013
UBURUSIYA

Inama nkuru ya ya Sentare y’Abanyaburaya yanka gusubira kwihweza urubanza rwaciriwe Uburusiya

Inama nkuru ya ya Sentare y’Abanyaburaya yanka gusubira kwihweza urubanza rwaciriwe Uburusiya

Ku wa mbere igenekerezo rya 7 Gitugutu 2013, Inama nkuru ya ya Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu yaranse kwemera ivyo Uburusiya bwasavye vy’uko yosubira kwihweza urubanza rwaciwe n’iyo Sentare ku wa 6 Ruheshi mu rubanza rwerekeye Ivyabona vya Yehova. Iyo Sentare yasanze Uburusiya bwagirwa n’icaha co kurenga ku burenganzira umuntu afise bwo kutinjirirwa mu buzima maze itegeka Leta kuriha umupfasoni V. Zhukova amadolari y’Abanyamerika 6.622 n’umupfasoni Y. Avilkina ayangana n’ayo nyene. Muri urwo rubanza, abategetsi b’Abarusiya bari batoye impapuro zo kwa muganga z’abo bantu, bazitora mu bitaro kandi batabibahereye uburenganzira. Uburusiya bwasavye ko urwo rubanza rwojanwa mu Nama nkuru y’iyo Sentare, iyari ifise ububasha bwo gusubira kurwihweza . Yamara, iyo Sentare yaranse kwemera ivyo Uburusiya bwasavye. Urubanza rwaciwe ku wa 6 Ruheshi rwabaye ntabanduka, kandi ivyo vyatumye Uburusiya bubwirizwa kwubahiriza uburenganzira umuntu afise bwo kutinjirirwa mu buzima mu bihe nk’ivyo kandi bwongera burariha amahera iyo Sentare yabutegetse kuriha.

Aderese z’ahavuye amakuru:

Ku rwego mpuzamakungu: J. R. Brown, wo mu Biro bijejwe amakuru, tel. +1 718 560 5000

Mu Burusiya: Grigory Martynov, tel. +7 812 702 2691