Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

21 MUKAKARO 2014
OTRISHE

Ibirori vyo kwibuka Ivyabona vya Yehova vyabereye mw’ibohero ry’i Gusen

Ibirori vyo kwibuka Ivyabona vya Yehova vyabereye mw’ibohero ry’i Gusen

I SELTERS, mu Budagi—Ku wa mungu igenekerezo rya 13 Ndamukiza 2014, ahahoze ibohero ry’ibikorwa vy’umuruho ry’i Gusen muri Otrishe harabereye ibirori vyo gushira ahabona ikimenyetso co kwibuka Ivyabona vya Yehova bagera ku 450 Abanazi bapfungiye mw’ibohero ry’ibikorwa vy’umuruho ry’i Mauthausen no ku rindi bohero ryarikukira ry’i Gusen. Abantu barenga 130 baritavye ivyo birori.

Ikimenyetso cashizwe ahabona mu birori vyabereye ahahoze ibohero ry’ibikorwa vy’umuruho ry’i Gusen ku wa 13 Ndamukiza 2014.

Igihe ivyo Vyabona bashika mw’ibohero ry’i Mauthausen, uwatwara iryo bohero yababwiye ati: “Nta mutohoji wa Bibiliya azosohoka iri bohero ari muzima.” Martin Poetzinger akaba yamaze imyaka icenda apfungiwe i Dachau, i Mauthausen, hamwe n’i Gusen yahavuye aba mu bagize Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova iri i Brooklyn, muri New York. Ku bijanye n’igihe yamaze i Mauthausen, yavuze ati: “Igipolisi c’Abanazi caragerageje ibishoboka vyose kugira kirabe ko twodohoka ku kwizera kwacu.”

Rusama 1945: Ibohero ry’i Gusen. Martin Poetzinger (yicaye imbere, akaba agira kabiri uhereye i bubamfu) ari kumwe n’abandi 23 bari bahejeje kurekurwa.

Bamwebamwe mu Vyabona bari bapfungiwe i Mauthausen bahavuye bimurirwa i Gusen. Ibohero ry’i Gusen ryari rigenewe ahanini “kwiciramwo abantu,” kandi ivyo vyaragirwa imisi yose. Kugira ngo ivyo Vyabona bagume bakomeye mu kwizera barakoranira mu migwi mitomito mw’ijoro kugira baganire ku vyanditswe bafashe ku mutwe. Igihe kimwe bararonse Bibiliya. Baciye bayigabura, bakaza barahanahana impapuro zayo. Igihe cose habonetse akanya na gato barinyegeza munsi y’ibitanda bagaheza bakayisoma.

Ivyo Vyabona kandi barabwira abandi ubutumwa bwo muri Bibiliya mu mpisho. Hari abanyororo batanu baturuka muri Polonye bize Bibiliya maze barabatizwa mu mpisho mu bwato bwari bwahinguriwe ico gikorwa. Icabona yitwa Franz Desch yarabwiye ubutumwa bwo muri Bibiliya umupolisi w’Umunazi akaba yahavuye aba Icabona ca Yehova.

Wolfram Slupina, umuvugizi w’Ivyabona vya Yehova muri Otrishe, yavuze ati: “Turakenguruka kubona Ivyabona bari bapfungiwe mw’ibohero ry’i Mauthausen no mu ry’i Gusen bibukirwa ku kwizera n’umutima rugabo bagaragaje. Baratsinze ikibi mu gufatana abandi ikibabarwe n’umutima mwiza, kandi birabereye ko tubibuka tukongera tukabigana.”

Abajejwe amakuru:

Ku rwego mpuzamakungu: J. R. Brown, wo mu biro bijejwe amakuru, tel. +1 718 560 5000

Muri Otrishe: Wolfram Slupina, tel. +49 6483 41 3110