Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

KU WA 23 GITUGUTU 2013
MEGIZIKE

Ibihuhusi bikomeye vyarateye muri Megizike

Ibihuhusi bikomeye vyarateye muri Megizike

Kuva mu ntango za Nyakanga 2013 gushika hagati muri ukwo kwezi, ibihuhusi vyiswe Ingrid na Manuel vyarateye muri Megizike birimwo imvura nyinshi yatumye haba imyuzure no gutinduka kw’imisozi . Turetse amazu yabomotse be n’imirima yononekaye, ivyo bihuhusi vyarahitanye abantu nka 80. Icabona ca Yehova umwe yarakomerekejwe cane n’ico cago. Vyongeye, kubera amabarabara atari agihita, vyaranse ko Ivyabona 300 bari bitavye ihwaniro ry’intara i Chilpancingo, muri leta ya Guerrero basubira iwabo. Ivyo Vyabona baciye baba baragumye mu Ngoro y’amateraniro y’Ivyabona vya Yehova canke mu mihana y’Ivyabona bo ng’aho. Abaserukira ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vyo muri Megizike barabandanya gukorana n’abasuku b’ingenzi be n’amakomite ajejwe gutabara agizwe n’abakurambere b’Ivyabona mu kumenya ivyo abatewe n’ivyo bihuhusi bakeneye cane, be no mu kubitwararika..

Aderese z’ahavuye amakuru:

Ku rwego mpuzamakungu: J. R. Brown, wo mu Biro bijejwe amakuru, tel. +1 718 560 5000

Muri Megizike: Marco Barrera, tel. +52 555 858 0116