Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

13 RUHESHI 2017
MALAWI

Abana babiri b’Ivyabona vya Yehova bari barirukanywe baremerewe gusubira kw’ishure

Abana babiri b’Ivyabona vya Yehova bari barirukanywe baremerewe gusubira kw’ishure

I LILONGWE muri Malawi: Ku wa 3 Rusama 2017, Aaron Mankhamba w’imyaka 18 na Hastings Mtambalika w’imyaka 15, abana babiri b’Ivyabona vya Yehova, baremerewe gusubira kw’ishure inyuma y’aho birukaniwe kw’ishure ritoyi ry’i Khombe kubera banse kuririmba ururirimbo ruhayagiza igihugu. Bari birukanywe kuva itariki 13 Ruhuhuma 2017. Basubiye kw’ishure ari uko abavyeyi babo be n’abaserukira ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova babanje kubonana n’abayoboye iryo shure.

Muri uwo mubonano, abaserukira ibiro vy’ishami bareretse abayobozi b’iryo shure amakete abiri yanditswe na leta ya Malawi. Rimwe muri yo ryandikiwe Ivyabona vya Yehova bo muri Malawi mu 1997, rikaba ryabaha uburenganzira bwo kutaririmba ururirimbo ruhayagiza igihugu. Irindi ryo mu 2017 ryasaba abarezi kwubahiriza umwidegemvyo wo gusenga abanyeshure bafise.

Hastings avuga ko babasubije mw’ishure ku gihe kibereye kuko ibibazo vya leta vyari vyegereje. Agira ati: “Twari dufise ubwoba bw’uko tuzohava dusiba ivyo bibazo. Mwene ivyo bibazo bikorwa rimwe gusa mu mwaka.” Badakoze ivyo bibazo bari guca basubiramwo umwaka.

Augustine Semo, umuvugizi w’Ivyabona vya Yehova muri Malawi, avuga ati: “Abo banyeshure barahimbawe cane kubera ko ingingo bafashe bisunze ijwi ryabo ryo mu mutima yubahirijwe, kandi turashimira abayobozi b’ishure kuba barashigikiye uburenganzira abanyeshure bafise bwo gusenga aho bashaka bagasubiza abo bana mw’ishure.”

Abajejwe amakuru:

Ku rwego mpuzamakungu: David A. Semonian wo mu biro bijejwe amakuru, tél +1-845-524-3000

Muri Malawi: Augustine Semo, tél +265-1-762-111