Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

13 RUSAMA 2015
LETA ZUNZE UBUMWE

Ivyabona vya Yehova baruguruye ibiro vyo guhindura mu rurimi rw’ibimenyetso rw’Abanyamerika muri Florida

Ivyabona vya Yehova baruguruye ibiro vyo guhindura mu rurimi rw’ibimenyetso rw’Abanyamerika muri Florida

I FORT LAUDERDALE muri Florida: Ku wa 14 Munyonyo 2014, Ivyabona vya Yehova baratanguye kwimurira i Fort Lauderdale muri Florida umugwi uhindura mu rurimi rw’ibimenyetso rw’Abanyamerika, bawukuye kuri ca Kigo ntanganyigisho ca Watchtower kiri i Patterson muri New York. Kuva mu 1995, Ivyabona barahinduye muri urwo rurimi Bibiliya be n’ibitabu vyabo bishingiye kuri yo bari mu nyubakwa zabo ziri i Patterson. Muri aya mezi makeyi aheze, Ivyabona barasubiyemwo ikibanza cabo c’i Fort Lauderdale bagishiramwo ibiro bishasha be n’ivyumba vyo gufatiramwo amashusho n’amajwi. Kuva muri Rusama 2015, ivyo biro vy’Ivyabona bakoresha mu guhindura mu rurimi rw’ibimenyetso rw’Abanyamerika vyaratanguye gukora.

Ivyabona barashira kuri jw.org no ku tudisiki (DVD) amavidewo yabo ari muri urwo rurimi. Vyongeye bama bayakoresha mu makoraniro yo gusenga bagira buri ndwi mu mashengero arenga 500 hirya no hino kw’isi no mu bikorane binini, ushizemwo ivyo bagira kabiri mu mwaka be n’ivyo bagira rimwe mu mwaka.

Jonathan Galvez, akaba ahagarikiye umurwi w’Ivyabona bahindura muri urwo rurimi muri Florida, avuga ati: “Intumbero yacu ni ukuraba neza ko amavidewo yacu atahurwa neza n’abantu benshi bakoresha ururimi rw’ibimenyetso rw’Abanyamerika, tutaravye igihugu baturukamwo canke amashure bize.” Abandanya ati: “Hariho ibihugu nka 45 bikoresha urwo rurimi rw’ibimenyetso, kandi nk’uko biri ku zindi ndimi, abaragi barwatura mu buryo butandukanye bivanye n’akarere baturukamwo. Kubera ko ubu twagiye gukorera i Fort Lauderdale, abahinduzi bacu barinjiye mu gisagara kirimwo abantu benshi kandi bava mu bihugu bitandukanye bikoresha ururimi rw’ibimenyetso rw’Abanyamerika.”

Mu 2014, uwitwa Frank Bechter yaminuje mu vy’imibano y’abantu, imico kama n’indimi, yaritavye igikorane c’Ivyabona vya Yehova mu rurimi rw’ibimenyetso cabereye i Richmond muri Virijiniya kugira yibandanirize ubushakashatsi bwiwe bwerekeye ururimi rw’ibimenyetso be n’ukuntu abaragi babana n’abandi. Dogoteri Bechter avuga ati: “Igikorane c’i Richmond carerekanye neza ko ishirahamwe ryanyu ryitaho guhindura no gushikiriza neza amayagwa mu rurimi rw’ibimenyetso, na canecane kubera mukoresha kenshi amavidewo arimwo imirongo yo muri Bibiliya yahinduwe neza. Nasanze ururimi rw’ibimenyetso mukoresha muri iyo mirongo ari igitangaza.” Abandanya ati: “Ndashima cane utwigoro Ivyabona bagira mu guhindura neza Bibiliya mu rurimi rw’ibimenyetso rw’Abanyamerika, kuko ari igikoresho gihambaye mu kibano cacu no kw’isi hose. Vyongeye, ndizera ko abaragi cokimwe n’abantu bose, bazoshobora kuronka ivyo bikoresho bihambaye vyafashije isi.”

Imigwi y’ubuhinduzi y’Ivyabona vya Yehova hirya no hino kw’isi yarasohoye yongera iratanga ku buntu ibitabu vyinshi vyo mu buryo bw’amavidewo mu ndimi z’ibimenyetso nka 80. Ivyabona vya Yehova kandi baratunganije agaporogarama kitwa JW Library Sign Language gatuma abantu biborohera kuvoma, gutunganya no kuvuza amavidewo yo mu rurimi rw’ibimenyetso bayakuye kuri jw.org.

Abajejwe amakuru:

Ku rwego mpuzamakungu: J. R. Brown wo mu Biro bijejwe amakuru, tél. +1 718 560 5000