Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

25 MUKAKARO 2017
KONGO (KINSHASA)

Ivyabona vya Yehova baha imfashanyo abateshejwe izabo muri Kongo

Ivyabona vya Yehova baha imfashanyo abateshejwe izabo muri Kongo

Belinda (irindi zina ntirivugwa ku mvo z’umutekano wiwe) ari kumwe na batatu mu bana biwe mu bitaro vy’i Dundo muri Angola. Umugabo wiwe yiciwe muri Kongo kandi uwundi mwana umwe w’umukobwa ntibaramenya irengero ryiwe. Belinda n’agakobwa kiwe gatoyi kitwa Ritinha barakomerekejwe n’amasasu, bica bisaba ko ako gakobwa bagaca ukuguru. Uwundi mukobwa wiwe na we baramukomerekeje n’umupanga.

I KINSHASA muri Kongo: Ivyabona vya Yehova baraha imfashanyo bagenzi babo bahunze kubera intambara iriko irabera mu karere ka Kasayi kandi bakabaremesha mu vy’Imana. Ibintu vyarahindutse bukwi na bukwi bivuye ku barwanyi, ku matati ashingiye ku moko no ku ruhagarara rw’abanyagihugu. Ivyo vyatumye abantu barenga 1.300.000 bahunga, abashika 30.000 muri bo bakaba bahungiye mu gihugu kibanyi ca Angola. Izo mpunzi zishitse muri Angola, vyabaye ngombwa ko nyinshi muri zo zivurwa kubera zari zarahiye canke zaratemagujwe imipanga canke zararashwe. Raporo za vuba zerekana ko abarenga 870 muri izo mpunzi ari Ivyabona vya Yehova n’utwana twabo, kandi nka 10 muri bo barakomeretse. Ikibabaje, raporo zerekana ko Ivyabona vya Yehova bashika 22 bishwe.

Uwuserukira ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova muri Angola yaragendeye umugwi w’abakurambere bo muri Angola no muri Kongo, bamwe muri bo bakaba ari impunzi.

Robert Elongo, umuvugizi w’Ivyabona vya Yehova ku biro vyabo vy’ishami vy’i Kinshasa, avuga ati: “Turababazwa n’uko hari abatari bake bahitanwa n’izo ntambara abandi bagakomereka kandi bamwe muri bo bakaba ari abana bakiri bato. Bamwe bagiriwe nabi kubera gusa baba bari hafi y’akarere kariko karaberamwo izo ntambara. Turahagaritswe umutima cane n’umutekano w’abavukanyi bacu kandi twabaremesheje kwiyubara cane. Dufadikanije n’ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vyo muri Angola, turiko turakora ivyo dushoboye vyose kugira turemeshe abo bavukanyi twongere tubaronse ivyo bakeneye mu vy’umubiri. Ariko twitwararika canecane kubaronsa ivyo bakeneye mu vy’Imana.”

Ivyabona vya Yehova bo muri Angola no muri Kongo barashinze Komite zijejwe gutabara abashikiwe n’ivyago kugira zitwararike ico gikorwa amahero co gutabara kandi kikibandanya. Amatoni arenga 34 y’imfashanyo yararungikiwe izo mpunzi, harimwo ivyo kuryamako, impuzu, ibifungurwa, imisegetera, ibirato n’ibilo 525 vy’imiti. N’ikindi kandi, umuganga umwe w’Icabona ca Yehova yaragiye mu makambi y’impunzi kugira yitwararike abantu 135 bari bakeneye kuvurwa vyihutirwa.

Impunzi zahungiye mw’ishamba muri Kongo ziriko zirubaka akaruri.

Vyongeye, abaserukira ibiro vy’ishami vyo muri Angola no muri Kongo baragendeye izo mpunzi kugira baziremeshe mu vy’Imana. Baragize amakoraniro adasanzwe, baratanga insiguro zihuje n’ivyo izo mpunzi zikeneye. Naho ururimi nyamukuru ruvugwa muri Angola ari igiportigale, haratunganijwe ivy’uko amakoraniro ajanye no gusenga agirwa no mu kiluba, rumwe mu ndimi zine nyamukuru zo muri Kongo, kugira izo mpunzi ziyungukireko, nk’uko vyerekanywe kw’ifoto itangura.

Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova iri ku cicaro gikuru cabo i Warwick muri New York irafasha muri ivyo bikorwa vyo gutabara ikoresheje intererano zitangwa ku bw’igikorwa co kwigisha kirangurwa n’Ivyabona kw’isi yose.

Abajejwe amakuru:

Ku rwego mpuzamakuru: David A. Semonian wo mu biro bijejwe amakuru, tél +1-845-524-3000

Muri Angola: Todd Peckham, tél +244-923-166-760

Muri Kongo Kinshasa: Robert Elongo, tél +243-81-555-1000