Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

25 RUHUHUMA 2016
AMAKURU YO KW’ISI YOSE

Ivyabona vya Yehova bariko baragira isekeza kw’isi yose ryo gutumira abantu

Ivyabona vya Yehova bariko baragira isekeza kw’isi yose ryo gutumira abantu

Kuri urwo rubanza hazoshikirizwa insiguro ishingiye kuri Bibiliya.

I NEW YORK: Ku wa gatandatu itariki 27 Ruhuhuma, Ivyabona vya Yehova baratanguye kw’isi yose isekeza ryo gutumira abantu ku rubanza babona ko ruhambaye cane mu mwaka. Urwo rubanza ni ukwibuka urupfu rwa Yezu, rukaba ruzoba ku wa 23 Ntwarante. Umuvugizi w’Ivyabona vya Yehova akorera ku cicaro gikuru cabo kiri i New York ari we David Semonian avuga ati: “Kuri uwo musi hazoshikirizwa insiguro yerekana igituma urupfu rwa Yezu rudufitiye akamaro cane muri iki gihe n’ingene rutuma tugira icizigiro naho haciye imyaka nk’ibihumbi bibiri apfuye. Twipfuza ko abantu benshi bashoboka bokwungukira kuri izo mpanuro zishingiye kuri Bibiliya zizotangwa kuri urwo rubanza.”

Mu gihe c’iryo sekeza, Ivyabona bashika imiliyoni umunani bo hirya ho hino kw’isi bazogendera ababanyi babo kugira babatumire kuri urwo rubanza. Mu mwaka uheze, urwo rubanza rwitabwe n’abantu hafi imiliyoni 20.

Uwujejwe amakuru:

David Semonian, wo mu biro bijejwe amakuru, tél. +1 718 560 5000