Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

11 MUNYONYO 2014
HONDURAS

Isanganya ry’ibisi ryahitanye abantu muri Honduras

Isanganya ry’ibisi ryahitanye abantu muri Honduras

Mu gitondo co ku wa 31 Gitugutu 2014, hari ibisi yarimwo Ivyabona vya Yehova 57 bari bagiye kwigisha Bibiliya i Las Flores Lempira yagize isanganya rikomeye iri mw’ibarabara riva i San Carlos Choloma. Umushoferi w’iyo bisi yaciye apfa hamwe na 13 muri ivyo Vyabona, muri abo hakaba harimwo udukobwa tubiri tw’imyaka cumi n’ine n’akandi kamwe k’imyaka umunani. Ivyabona 44 barokotse baciye batwarwa kwa muganga kugira ngo barabe ko ata co babaye. Babiri gusa ni bo vyasaba ko bakurikiranwa na muganga ariko ubu baratashe. Abo basangiye ukwemera bariko barabahoza bongera babafasha mu vyo bakeneye. Kw’igenekerezo rya 1 Munyonyo 2014, ni ho haba amaziko y’icenda muri bo, akaba yabereye i Choloma. Yitabwe n’abantu nka 3.000.

José Castillo, umuvugizi w’Ivyabona vya Yehova muri Honduras, yavuze ati: “Turakengurukira abantu bo muri ako karere badushigikiye cane hamwe n’inzego zitandukanye zafashije cane abashikiwe n’iryo sanganya.”

Abajejwe amakuru:

Ku rwego mpuzamakungu: J. R. Brown, wo mu biro bijejwe amakuru, tél. +1 718 560 5000

Muri Honduras: José Castillo Adriano, tél. +504 9998 0895

Muri Megizike: Gamaliel Camarillo, tél. +52 555 133 3048