Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

20 GITUGUTU 2015
GANA

Ivyabona bo muri Gana barihutiye gutabara abatewe n’imyuzurira

Ivyabona bo muri Gana barihutiye gutabara abatewe n’imyuzurira

ACCRA muri Gana: Mu mpera zo muri Myandagaro 2015, Ivyabona vya Yehova barasozereye ibikorwa vyo gutabara i Accra ku murwa mukuru wa Gana, aho imyuzurira y’amazi yahitanye abantu barenga 200, ikonona n’ibintu vyinshi.

Ivyabona bariko barerekana aho amazi yagera ku nzu y’Icabona mugenzi wabo yateshejwe urwiwe.

Naho ata Cabona ca Yehova yapfuye, abashika 250 barataye ingo zabo kubera iyo myuzurira. Ku wa 4 Ruheshi 2015, iyo myuzurira yaraye ibaye, ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vyo muri Gana vyarashinze Komite ijejwe gutabara. Iyo Komite yihutiye kuronsa abantu ivyo bari bakeneye cane nk’uburengeti, impuzu n’amazi. Yaratunganije n’ivyo gusukura no gusanura inzu zatewe n’iyo myuzurira. Ivyabona vya Yehova b’i Accra barahaye indaro Ivyabona bagenzi babo bari bateshejwe izabo.

Dossou Amevor (ari ibubamfu), ni we ayoboye Komite ijejwe gutabara, ariko ahagarikira igikorwa co gutanga imatela ku Ngoro y’Ubwami yo mu karere ka Atiman, i Madina muri Accra.

Iyo myuzurira yatumye haba impanuka y’umuriro kuri stasiyo imwe y’igitoro, bituma amatiyo ajana amazi i Adabraka yononekara, ako karere gaca karabura amazi. Muri ako karere, ibiro vy’ishami vyaciye bishira itangi y’amazi ku Ngoro y’Ubwami (urusengero rw’Ivyabona) kugira Ivyabona n’abandi baronke amazi.

Ku wa gatandatu, itariki 6 Ruheshi, ibiro vy’ishami vyararungitse imigwi ibiri y’abaganga igizwe n’abadogiteri batanu n’abaforoma babiri kugira ngo bavure Ivyabona bagenzi babo hamwe n’abandi bantu bo mu karere ka Alajo na Adabraka. Baravuye indwara zitandukanye nka malariya, indwara z’uguhema nabi be n’izo gucibwamwo. Abaserukiye ibiro vy’ishami bafadikanije n’Ivyabona bo muri utwo turere, baragendeye Ivyabona bagenzi babo kugira babaremeshe biciye kw’Ijambo ry’Imana.

Abadogiteri batatu b’Ivyabona vya Yehova n’abaforoma babiri bari mu Ngoro y’Ubwami y’i Adabraka, aho bavurira abarwaye.

Nathaniel Gbedemah, akaba ari umuvugizi w’Ivyabona vya Yehova muri Gana, yavuze ati: “Turababajwe n’abantu bapfuye be n’ivyononekaye bivuye kuri iyo myuzurira yabaye i Accra. Nk’uko Ivyabona vya Yehova babigira mu yindi mihingo y’isi, turiko turakora uko dushoboye kwose kugira ngo abashikiwe n’ico cago tubafashe ku mubiri no ku mutima.”

Uwujejwe amakuru:

Ku rwego mpuzamakungu: Richard Brown, wo mu Biro bijejwe amakuru, tél. +1 718 560 5000

Muri Gana: Nathaniel Gbedemah, tél. +233 30 701 0110