Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

17 RUHUHUMA 2014
FILIPINE

Amakuru mashasha: Inyuma y’igihuhusi gikomeye ciswe Haiyan, Ivyabona bariko baratabara batiziganya

Amakuru mashasha: Inyuma y’igihuhusi gikomeye ciswe Haiyan, Ivyabona bariko baratabara batiziganya

I MANILLE muri Filipine: Igihuhusi ciswe Haiyan carihaye inkumbi muri Filipine. Ivyabona vya Yehova barabandanya gutabara.

Ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova biri i Manille vyarashizeho komite zitanu zo gutabara kugira bagarukire ku bashikiwe n’ico cago. Amatoni y’ibintu arenga 190 yararungitswe muri Filipine yo hagati. N’imiburiburi Ivyabona bo mu bihugu cumi baritanze muri ico gikorwa co gutabara. Bariko barafasha mu vy’ubuvuzi canke mu gusubira kwubaka no gusanura amazu arenga 2.000.

Nk’abantu bashika 225 baracaba mu mahema yashinzwe n’Ivyabona mu kigwati kiri hafi y’igisagara ca Calbayog, mu ntara ya Samar. Nk’ibice biri hagati ya 15 na 20 kw’ijana vy’abacumbitse muri ico kigwati si Ivyabona vya Yehova.

Ico gihuhusi cabaye co gihuhusi ca mbere gikomeye. Igitigiri c’abapfuye kimaze gushika ku 6.201, abandi 1.785 bakaba bataramenya irengero ryabo. Abantu bashika 28.000 barakomeretse, amazu arenga umuliyoni na yo arasambuka. Ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova muri Filipine, ubu vyemeza ko Ivyabona vya Yehova 33 bapfuye n’abandi 10 batazi irengero ryabo, kumbure bapfuye.

Mark Sanderson, umwe mu bagize Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova, agendeye abashikiwe n’ico cago.

Kuva kw’itariki 7 Kigarama 2013, Mark Sanderson, umwe mu bagize Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova, yaramaze indwi ariko aragendera intara zitanu zashikiwe n’ico gihuhusi. Yavuze ati: “Abantu benshi bariko bashikirwa n’ingaruka zibabaje zatejwe n’ico gihuhusi ciswe Haiyan; ariko turiteguriye kubandanya tubahumuriza, tubaronsa ivyankenerwa be n’abantu bo kubafasha.”

Uwujejwe amakuru:

Ku rwego mpuzamakungu: J. R. Brown, wo mu Biro bijejwe amakuru, tél. +1 718 560 5000

Muri Filipine: Dean Jacek, tél. +63 2 411 6090