Ja ku birimwo

Amakuru agenewe abamenyeshamakuru

FILIPINE

Amakuru mashasha: Inyuma y’igihuhusi gikomeye ciswe Haiyan, Ivyabona bariko baratabara batiziganya

Ibikorwa vyo gutabara birabandanya muri Filipine. Harungitswe amatoni y’ibintu arenga 190, abafasha abashikiwe n’ivyago, n’ibindi.

KOREYA Y’EPFO

Itohoza ryerekana ko Abanyakoreya bahinduye ukuntu babona ivyo kwanka gukora ibikorwa vya gisirikare bitumwe n’ijwi ryo mu mutima

Igitigiri gitera ciyongera c’Abanyakoreya y’Epfo ubu bashigikira ishirwaho ry’ibikorwa vya gisivile bisubirira ivya gisirikare ku bw’abanka gukora ibikorwa vya gisirikare babitumwe n’ijwi ryo mu mutima.

UBURUSIYA

AMAKURU MASHASHA: Bananirwa kwugara umuhora wa JW.ORG mu Burusiya

Ku wa 22 Nzero 2014, sentare isubiramwo imanza yo mu Burusiya yarafuse ingingo yo kwugara umuhora wa jw.org yafashwe ku wa 7 Myandagaro 2013 na sentara ya Tsentralniy yo mu gisagara ca Tver.

KIRGISTANI

Sentare ya Kirgistani ishigikira abanse kuja mu gisirikare babitumwe n’ijwi ryabo ryo mu mutima

Ingingo yo guhindura itegeko ryo mu 2009 izotuma Ivyabona vya Yehova bakora ibikorwa vy’ukuri atari ivya gisirikare.

UBUDAGI

Icibutso c’Icabona yarokotse rya Honyabwoko ryagirirwa Abayahudi gishikirizwa ku mugaragaro mu Budagi

Ni igiki cahaye Max Liebster, Icabona ca Yehova, inkomezi zo kurokoka mu makambi y’itunatuniro atanu y’Abanazi?

LETA ZUNZE UBUMWE

Akavidewo: Isanurwa ry’inyubakwa y’ibirori yitirirwa Stanley

Ivyabona barenga 2.000 baritanze baraza kuryohora inyubakwa y’ibirori yahora ari iratiro ry’ivya kahise yiririrwa Stanley i Jersey City, muri New Jersey.

TANZANIYA

Sentare nkuru yo muri Tanzaniya ishigikira agateka k’abanyeshure b’Ivyabona

Sentare isubiramwo imanza yo muri Tanzaniya ihuriza ku ngingo yemeza ko amashure y’i Mbeya yahonyanze umwidegemvyo mu vy’idini w’abanyeshure 127.

ARMENIYA

Armeniya ipfungura abanka gukora ibikorwa vya gisirikare

Hari urubanza rw’intibagirwa rwashikanye kw’irekurwa ryabo. Vyagenze gute?