Ja ku birimwo

Amakuru agenewe abamenyeshamakuru

OTRISHE

Ibirori vyo kwibuka Ivyabona vya Yehova vyabereye mw’ibohero ry’i Gusen

Ku wa 13 Ndamukiza 2014, harabaye ibirori vyo gushira ahabona ikimenyetso co kwibuka Ivyabona 450 Abanazi bapfungiye mw’ibohero ry’i Mauthausen n’iry’i Gusen muri Otrishe.

UKRAINE

Raporo yerekeye Ivyabona bo muri Ukraine no muri Crimée

Naho hari intureka, Ivyabona bo muri Ukraine no muri Crimée bazogira amahwaniro ashika 40 y’akarere yerekana ko tuzobaho mu mahoro muri kazoza dutwarwa n’Ubwami bw’Imana.

MEGIZIKE

Ivyabona baja mw’ihayanishwa ry’ibitabu be n’ibinyamakuru ryabaye mu 2014 mu gisagara ca Mexico

Kw’ihayanishwa ry’ibitabu ryo mu 2014, Ivyabona vya Yehova bahayanisha ibitabu vyabo bitandukanye bishingiye kuri Bibiliya be n’amavidewo.

AMAKURU YO KW’ISI YOSE

Ivyabona vya Yehova batanguye amakoraniro mpuzamakungu

Ku wa gatanu igenekerezo rya 6 Ruheshi 2014, irya mbere muri ya makoraniro mpuzamakungu y’Ivyabona vya Yehova ryaratanguye i Detroit muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Ibice vy’iryo koraniro bizokurikiranwa biciye kuri internet no mu bindi bibanza cumi vyo muri Leta Zunze za Amerika.

AMAKURU YO KW’ISI YOSE

Ivyabona vya Yehova baramenyesheje ko bazogira amahwaniro mpuzamakungu

Ivyabona vya Yehova bazogira amahwaniro mpuzamakungu azomara imisi itatitatu mu bihugu icenda, akaba azotangura muri Ruheshi 2014 abandanye gushika muri Nzero 2015.

SHILI

Umuriro watemye ugatongora i Valparaiso muri Shili

Umuriro waratemye uratongora mu gisagara gikomeye ca Valparaiso kirimwo ikivuko. Ivyabona vya Yehova baciye ubwo nyene bashinga komite ijejwe gutabara abashikiwe n’ivyago kugira ifashe abashikiwe n’ico cago.

UBUDAGI

Richard Rudolph yarapfuye afise imyaka 102

Richard Rudolph yapfunzwe imyaka irenga 19 mu gihe c’intwaro y’Abanazi hamwe n’iy’Abakomunisita azira ukwemera kwiwe.

AMAKURU YO KW’ISI YOSE

Ivyabona vya Yehova batanguza isekeza ryo kw’isi yose ryo gutumira abantu ku Cibutso c’urupfu rwa Kristu

Ivyabona vya Yehova amamiliyoni bagira uruhara mw’isekeza ryo kw’isi yose ry’imisi 24 ryo gutumira abantu kwifatanya na bo mu guhimbaza Icibutso c’urupfu rwa Kristu

AMAKURU YO KW’ISI YOSE

Guy H. Pierce wo mu Nama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova, yarapfuye

Yakoreye mu makomite atandukanye ahagarikiye igikorwa c’Ivyabona vya Yehova, harimwo n’igikorwa barangurira kw’isi yose co kwigisha Bibiliya.

AMAKURU YO KW’ISI YOSE

Ivyabona vya Yehova basohora mu ndome nininini Bibiliya iheruka gusubirwamwo

Kugira abantu benshi baronke ubutumwa bwo muri Bibiliya, integuro isubiwemwo yo mu 2013 ya Bibiliya y’isi nshasha yarasohowe mu ndome nininini.

UBURUSIYA

Amakuru yiyongereye: Bananirwa kubuza umuhora wa JW.ORG

Sentare y’iyungururizo ifuta ingingo yo kubuza umuhora wa jw.org mu Burusiya hose.