Ja ku birimwo

Amakuru agenewe abamenyeshamakuru

LETA ZUNZE UBUMWE

Ivyabona bararonse ubushimwe budasanzwe kubera bagira imigero kandi bakubaka mu buryo butabangamira ibidukikije

Inyubakwa zibiri Ivyabona vya Yehova bubatse i Wallkill muri New York zararonse agashimwe ruheta kitwa quatre Green Globes.

KOREYA Y’EPFO

Amakuru y’igikorane mpuzamakungu: Ivyabona vya Yehova barasohoye Bibiliya i Séoul

Ku gikorane mpuzamakungu cataziriwe ngo “Gume mubanza kurondera Ubwami bw’Imana!”, Ivyabona vya Yehova barasohoye Bibiliya y’isi nshasha y’ikinyakoreya yasubiwemwo.

DANEMARKE

Ivyabona vya Yehova bariko baratuma abaganga bo muri Danemarke bijukira kubaga badakoresheje amaraso

Ibinyamakuru bikomeye biravuga ko urwego rujejwe ivy’ubuvuzi rwo mu gihugu ruriko ruratanguza ubundi buryo bushasha bujanye no kugabanya amaraso aseseka igihe bariko barabaga hamwe no kubaga hadakoreshejwe amaraso.

MEGIZIKE

Abategetsi bo muri Megizike barashimiye Ivyabona kubera ko basukuye ikibuga c’inkino

Kw’igenekerezo rya 7 Ruheshi 2014, Ivyabona vya Yehova barenga 250 baritanze barafasha gusukura ikibuga c’inkino ca Baldomero “Melo” Almada. Ico gikorwa bakoze catumye abategetsi babashimira cane.

UBUYAPANI

Ivyabona vya Yehova barafashije abatewe n’ivyondo i Hiroshima

Imvura y’isegenya yaguye i Hiroshima yarasegenyuye ivyondo, bituma abantu nka 74 bapfa abandi barenga 1.600 barata izabo. Ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vyo mu Buyapani vyaciye vyihutira kurondera Ivyabona boja gufasha gukuraho ivyondo vyari vyuzuye mu mazu.

UKRAINE

Amakuru mashasha: Ivyabona vya Yehova baratunganije ivyo gufasha abantu ibihumbi bataye izabo muri Ukraine

Ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vyo muri Ukraine birabandanya gufasha Ivyabona ibihumbi bahunze intambara zateye mu buseruko bwa Ukraine.

UKRAINE

Naho hari intambara muri Ukraine, Ivyabona vya Yehova barakoraniye hamwe mu mahoro kandi harasohowe Bibiliya

Mu gihe mu buseruko bwa Ukraine hariko harabera intambara, abantu ibihumbi barakoraniye i Lviv mu gikorane cataziriwe ngo “Gume mubanza kurondera Ubwami bw’Imana!” Harasohowe Bibiliya y’isi nshasha yasubiwemwo mu kinya Ukraine.

UBUGIRIKI

Amakuru y’igikorane mpuzamakungu: Ivyabona vya Yehova ku kibuga c’inkino za olympique mu Bugiriki

Baragize igikorane mpuzamakungu cataziriwe ngo “Gume mubanza kurondera Ubwami bw’Imana!” Ico gikorane cabereye muri Complexe olympique d’Athènes, aho hakaba ari ho habereye inkino za olympique mu 2004.

AMAKURU YO KW’ISI YOSE

Ivyo Ivyabona vya Yehova bariko barakora kugira birinde Ebola

Ivyabona vya Yehova barabandanya kwigisha Ivyabona bagenzi babo ibijanye n’akaga k’umugera wa Ebola, ingene wandukira hamwe n’ivyo bokora kugira ngo ntukwiragire.

LETA ZUNZE UBUMWE

Amakuru y’igikorane mpuzamakungu: Ivyabona vya Yehova baragize ibikorane vy’intibagirwa ku kibuga c’inkino citwa MetLife Stadium

Abantu ibihumbi bari buzuye mu kibuga c’inkino citwa MetLife Stadium mu gisagara ca East Rutherford co muri New Jersey muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, baje ku bikorane mpuzamakungu vyari vyataziriwe ngo “Gume mubanza kurondera ubwami bw’Imana!” vyabaye kw’igenekerezo rya 20-22 Ruheshi no ku rya 27-29 Ruheshi 2014.

UBUDAGI

Ibirori vyo kwibuka Icabona ca Yehova yagandaguwe n’Abanazi

Ku wa 16 Nyakanga 2014, ikigo cashinze icibutso kiri i Brandebourg caratunganije ibirori bidasanzwe vyo kwibuka imyaka 75 iheze August Dickmann agandaguriwe mw’ibohero ry’i Sachsenhausen. Ni we muntu wa mbere yishwe ku mugaragaro n’Abanazi mu gihe c’Intambara ya kabiri y’isi yose, azira ko yanse kuja mu gisoda abitumwe n’ijwi ryiwe ryo mu mutima..

LETA ZUNZE UBUMWE

Lillian Gobitas Klose, uwabaye imbarutso y’urubanza rw’intibagirwa rwaciwe na Sentare ntahinyuzwa mu 1940 akiri akanyeshure, aheruka gupfa afise imyaka 90

Ingingo yafashe yo kutaramutsa ibendera yatumye haba urubanza rw’intibagirwa muri Sentare ntahinyuzwa yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

AMAKURU YO KW’ISI YOSE

Ivyabona bagira isekeza ryo kumenyekanisha umuhora wa internet uri mu ndimi nyinshi kuruta iyindi mihora yose, ari wo JW.ORG

Muri Myandagaro, Ivyabona vya Yehova bazotangura isekeza kw’isi yose ryo kumenyekanisha umuhora wa jw.org no gutanga agapapuro gashasha kavuga ngo Twokura he inyishu z’ibibazo bihambaye vyerekeye ubuzima?

KROWASIYA

Ivyabona batabara abashikiwe n’ivyago mu karere ka Balkans

Abitanga barihutiye gufasha no kwirura abasinzikajwe n’imyuzurira yateye muri Rusama 2014, ikaba itari bwakaboneke muri Bosnie-Herzégovine, muri Krowasiya no muri Serbiya.