Ja ku birimwo

Amakuru agenewe abamenyeshamakuru

UBURUSIYA

Abahinga bariyamiriza ingingo Uburusiya bwafashe yo kubuza JW.ORG

Ku wa 21 Mukakaro 2015, Uburusiya bwarabaye igihugu ca mbere kw’isi kitemera urubuga rw’Ivyabona vya Yehova ari rwo jw.org.

OTRISHE

Ibirori vyo kwibuka Icabona wo muri Otrishe yishwe n’Abanazi

Gabriele Votava yarashikirije ijambo ryo guhayagiza Gerhard Steinacher, akaba ari Icabona ca Yehova yishwe afise imyaka 19 kubera yanse kuja mu gisirikare.

ZIMBABWE

Igikorane mpuzamakungu co mu 2014—Ikiganiro twagiranye n’uwuserukira ibiro vy’Ivyabona muri Zimbabwe

John Jubber ariko aravuga ivyiza vyavuye mu gikorane mpuzamakungu c’Ivyabona vya Yehova cabereye i Harare muri Myandagaro 2014.

ZIMBABWE

Ibikorane vyo mu 2015 vyataziriwe ngo “Niwigane Yezu!” muri Zimbabwe inyuma y’umwaka umwe habaye igikorane mpuzamakungu c’intibagirwa

Igikorane mpuzamakungu co mu 2014 ni yo nkuru yavuzwe cane mu bimenyeshamakuru kuruta izindi zose muri Zimbabwe, ivyo bikaba bituma twitega ibintu vyiza cane ku bikorane vyo muri uyu mwaka.

UBUDAGI

Ubutegetsi bwarahaye agashimwe umuhungu na se barokoye abagira bahire mu muduga

Icabona ca Yehova yitwa Andreas Bonk n’umuhungu wiwe Jorim barahawe agashimwe ku butwari n’ukwitanga bagaragaje.

UKRAINE

Ukraine: Barakurikiranye ikoraniro ridasanzwe bari mu karere karimwo intambara

Ku wa 14 Ruhuhuma 2015, Ivyabona vya Yehova bo muri Ukraine baragize ikoraniro ridasanzwe mu ntumbero yo kuremesha bagenzi babo barenga 17.000, baba mu karere karimwo intambara.

NÉPAL

Ivyabona vya Yehova baragarukiye kuri benewabo bo muri Nepale

Ivyabona vya Yehova bo mu bihugu bitandatu bifadikanije na Komite ijejwe gutabara yo muri Nepale, barafashije abashikiwe n’ivyago bongera barabaremesha.

LETA ZUNZE UBUMWE

Ntuze utangwe n’ibikorane vyataziriwe ngo “Niwigane Yezu!”

Vyatanguye ku wa 22 Rusama mu bibanza 11 vyo muri Amerika. Gushika muri Nzero 2016, hazoba nk’ibikorane 5.000 mu bihugu 92.

LETA ZUNZE UBUMWE

Ivyabona vya Yehova baruguruye ibiro vyo guhindura mu rurimi rw’ibimenyetso rw’Abanyamerika muri Florida

Ivyabona vya Yehova barimuriye umurwi uhindura mu rurimi rw’ibimenyetso vy’Abanyamerika i Fort Lauderdale muri Florida, kikaba ari igisagara kirimwo abantu benshi bo mu bihugu bitandukanye bakoresha urwo rurimi.

ANGOLA

Ivyabona barafashije abatewe n’imyuzure muri Angola

Bukeye imyuzure ruhonyanganda yihaye inkumbi mu ntara ya Benguela muri Angola, haciye hashirwaho komite yo gutabara abashikiwe n’ivyago.

GWATEMALA

Amashure y’i Gwatemala yahagurukiye ubukozi bw’ikibi mu rwaruka: Yarasavye Ivyabona vya Yehova ibitabu

Amashure yo muri Gwatemala yarasavye ibitabu ibihumbi mu gisupanyoli no mu rurimi rwitwa quiché. Ibitabu baronse biriko birakoreshwa mu mashure mu kwigisha ururimi rwitwa quiché no mu gufasha abanyeshure kugira imico runtu.

AMAKURU YO KW’ISI YOSE

Ivyabona vya Yehova bariko batangaza amahwaniro yo mu 2015 azotangura muri Rusama

Amahwaniro y’Ivyabona vya Yehova yo mu 2015 yataziriwe ngo “Niwigane Yezu!” azotwereka twese ukuntu kwigana Yezu bishobora kutugirira akamaro. Ayo mahwaniro azotangura muri Rusama 2015 arangire muri Nzero 2016 mu bisagara bitandukanye vyo hirya no hino kw’isi.

UBURUSIYA

Yatoye igifovya c’amahera aca ayasubiza nyeneyo

Icabona ca Yehova yitwa Svetlana Nemchinova yaraciye ku biti no ku mabuye arondera uwari yihenze agata mw’iyarara ibahasha irimwo amahera.

AMAKURU YO KW’ISI YOSE

Hitezwe abantu bashika imiliyoni 20

Hirya no hino kw’isi, Ivyabona vya Yehova bariko baratumira abantu ku rubanza rwo kwibuka urupfu rwa Yezu. Urwo rubanza ruzoba ku wa 3 Ndamukiza 2015.

MOZAMBIKE

Ivyabona baraciye hasi no mu kirere kugira batange imfashanyo inyuma y’isegenya rikomeye ryabaye muri Mozambike

Ivyabona vya Yehova barabandanya guha imfashanyo no kuremesha mu vy’impwemu abashikiwe n’isegenya ryihaye inkumbi mu buraruko no hagati muri Mozambike.