Gushikira ivyo urondera

Ja ku rutonde nyamukuru rw'ibirimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?

VYASOHOTSE MU

Ibi vyoba ari vyo vyari mu migambi y’Imana?

SOMA ikinyamakuru ico ari co cose, urabe televiziyo canke wumvirize iradiyo. Usanga vyuzuye inkuru z’ubugizi bwa nabi, intambara be n’iterabwoba! Zirikana ku ngorane zawe bwite. Kumbure uratuntujwe cane n’indwara canke no kubura uwawe. Ushobora kuba umerewe nk’uko wa mugabo yari ameze neza Yobu yari amerewe, uwavuze yuko yari ‘yuzuye umubabaro’.—Yobu 10:15.

Niwibaze uti:

  • Ibi vyoba ari vyo vyari mu migambi y’Imana ku binyerekeye no ku vyerekeye abandi bantu bose?
  • Ni hehe nshobora gukura imfashanyo yo kwihanganira ingorane mfise?
  • Hoba hari icizigiro c’uko umusi uri izina tuzoba mu mahoro ngaha kw’isi?

Bibiliya irishura kuri ivyo bibazo mu buryo bumara akanyota.

BIBILIYA YIGISHA YUKO IMANA IZOTUMA KW’ISI IBINTU BIHINDUKA BIKAMERA GUTYA.

Umutama asubira kuba umusore

“Izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kand’urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho: kukw ivya mbere bishize”.—Ivyahishuriwe 21:4


Akigeme kamugaye gashobora gusubira kwiruka

“Ūcumbagira azosimba nk’impongo”.—Yesaya 35:6


Impumyi isubira kubona

“Impumyi zizohumūka”.—Yesaya 35:5


Umugore anezerejwe no kubona uwo yakunda asubira kuba muzima

“Abari mu mva bose…ba[zo]zivamwo”.—Yohana 5:28, 29


Agahungu karwaye gasubira kugira amagara meza

“Uwaho ntazovuga, ati Ndarwaye”.—Yesaya 33:24


Imirima irimwo impeke

“Hazokwera impeke habe agahimbo mu gihugu”.—Zaburi 72:16


NIWUNGUKIRE KU VYO BIBILIYA YIGISHA

Abagabo babiri bariko bariga Bibiliya

Ntiwihutire kuvuga yuko ivyo vyerekanywe ari ivyipfuzo vy’indoto nsa. Imana yarasezeranye kuzoshitsa ivyo bintu, kandi Bibiliya iradusigurira ingene izobishitsa.

Ariko rero, ivyo wungukira kuri Bibiliya si ivyo gusa. Irerekana ukuntu no muri iki gihe turimwo ushobora kugira ubuzima bumara akanyota koko. Zirikana gatoyi ku bijanye n’ibikuraza ishinga be n’ingorane wifitiye. Hashobora kuba harimwo ibibazo ijanye n’amahera, ingorane zo mu muryango, gukikwa n’amagara canke kubura uwawe. Bibiliya irashobora kugufasha kuvyifatamwo neza mu ngorane zishika muri iki gihe, kandi irashobora kuguhumuriza mu kwishura ku bibazo nk’ibi:

  • Ni kubera iki ducumukura?
  • Dushobora gute kuvyifatamwo neza mu myitwarariko y’ubuzima?
  • Dushobora gute gutuma mu rugo iwacu harushiriza kuba agahimbare?
  • Bitugendera gute iyo dupfuye?
  • Twoba tuzokwigera dusubira kubona abacu bapfuye?
  • Dushobora gute kwemera tudakeka yuko Imana izorangura ivyo yasezeranye kuzokora muri kazoza?

Kuba uriko urasoma iki gitabu, ni icerekana yuko ushima kumenya ivyo Bibiliya yigisha. Iki gitabu kizogufasha. Nk’uko ubibona, ingingo yose irafise ikibazo kijanye na yo amaja epfo ku rupapuro. Hari abantu amamiliyoni bashimishijwe no kubona hakoreshwa uburyo bw’ibibazo n’inyishu igihe baba bariko barayaga n’Ivyabona vya Yehova ku vyerekeye Bibiliya. Turizigiye ko na wewe bizogushimisha. Turakwipfurije imihezagiro y’Imana, magingo uriko urakora igikorwa ceza umutima kandi kimara akanyota co kurondera kumenya ico Bibiliya yigisha mu vy’ukuri!

NUMENYE IBIRI MURI BIBILIYA YAWE

Bibiliya

BIBILIYA igizwe n’ibitabu be n’amakete bishika kuri 66. Ivyo bigabuwemwo ibigabane n’imirongo kugira ngo umuntu yoroherwe gutora igisomwa yipfuza. Igihe hari ivyanditswe bitanzwe muri iki gitabu, igiharuro gikurikira izina ry’igitabu canke ikete vyo muri Bibiliya, kiba cerekana ikigabane co muri ico gitabu canke muri iryo kete, igiharuro gikurikira na co kikerekana umurongo. Nk’akarorero, ahanditse ngo “2 Timoteyo 3:16” bisigura ikete rya kabiri ryandikiwe Timoteyo, ikigabane ca 3, umurongo wa 16.

Niwaza urarondera ivyanditswe vyatanzwe muri iki gitabu, ntuzoteba kumenyera Bibiliya. Ikindi kandi, ubona gute utanguye umugambi wo gusoma Bibiliya ku musi ku musi? Ugiye urasoma ibigabane biva kuri bitatu gushika kuri bitanu ku musi, woshobora kuba warangije gusoma Bibiliya yose uko ingana mu mwaka umwe.

INJIRA